23 Kandi hahirwa uwo ivyanje bitazotsitaza.
23 Harahiriwe uwudakekeranya ivyanje.”
Kandi hahirwa uwo ivyanje bitazotsitaza.
Simeyoni arabahezagira, abgira nyina Mariya, at’ Umve, uyu ashiriweho kugira ngo benshi mu Bisirayeli bagwe, benshi bavyuke, no kuzoba ikimenyetso kigawa,
Maz’ arabishura, ati Ni mugende, mubarire Yohana ivyo mubonye n’ivyo mwumvise. Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abāpfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.
Abatumwa ba Yohana bagiye, atangura kubgira ishengero ivya Yohana, ati Mwagiye mu bugaragwa kurāba iki? Mbega n’irenga rihungabanywa n’umuyaga?
Arik’ umuntu afise umubiri n’ubgenge gusa ntiyemera ivya Mpwemu w’Imana: kukw ar’ ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bg’impwemu.