Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 7:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Hāriy’ umugabisha w’abasoda ijana, umushumba wiwe akunda cane yar’ arwaye, ari ku mpfiro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Aho hari umusoda mukuru w’Umuroma yari afise umukozi yakunda cane. Uwo mukozi yari arwaye, ari hafi yo gupfa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 7:2
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

aravuga, at’ Uhoraho ashemagizwe, Imana ya databuja Aburahamu, itāretse kugirira imbabazi databuja, no kumubera umwizigirwa! nanje nyene, Uhoraho yandōngōye inzira ija kwa bene wabo wa databuja.


Kandi Debora, umurezi yari yarareze Rebeka arapfa; bamuhamba hepfo y’i Beteli, musi y’igiti citwa umweloni: bacita Aloni‐bakuti.


Asangwa naragendeye mu binyoma, Ikirenge canje kikihutishwa no kuja kugunga,


Ūreze umushumba akamufyinisha uhereye mu buto bgiwe, Uburuhiro n’ukuzohava yīgira umwana wiwe.


Umugabisha w’abasoda ijana n’abāri kumwe na we barinda Yesu, babonye isi itigita n’ibibaye, baratinya cane, bati N’ivy’ ukuri, uyo yar’ Umwana w’Imana.


Umugabisha w’abasoda ijana abonye ibibaye, ahimbaza Imana, ati N’ukuri uyu muntu yar’ umugororotsi.


Kand’ ahereje ayo majambo yiwe yose mu matwi y’abantu, aja i Kaperinawumu.


Yumvise inkuru ya Yesu, amutumakw abashingantahe b’Abayuda kumwinginga, ngw aze gukiza umushumba wiwe.


kuko yar’ afise umukobga w’ikinege, yar’ amaze imyaka nka cumi n’ibiri avutse, kandi yarikw arahwera. Arikw aragenda, ishengero riramubānda.


I Kayisariya hār’ umuntu yitwa Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana wo mu ngabo zitwa Abanyetaliya.


Umumarayika yavuganye na we amaze kugenda, ahamagara babiri bo mu basuku biwe, n’umusoda yubaha Imana wo mu bamugendanira:


Uwo mugabisha avyumvise, aja ku mukuru w’abagabisha, arabimumenyesha, at’ Ugira ukore iki? Erega wa muntu n’Umuroma.


Paulo ahamagara umwe mu bagabisha b’abasoda ijana, ati Jana uyu muhungu ku mukuru w’abagabisha b’abasoda; afise ijambo amubarira.


Bamaze gushinga ngo tujabuke tuje muri Italiya, Paulo n’izindi mbohe babaha umugabisha w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, wo mu ngabo za Augusito.


Bukeye bg’aho dufata i Sidoni, Yuliyo agirira Paulo neza, amukundira kugendera abagenzi ngo bamuzimane.


Ariko wa mugabisha w’abasoda, agomvye gukiza Paulo, ababuza iyo nama yabo, avuga yukw abazi kwoga bokwisuka mu mazi, kugira ngo babanze gushika ku nkombe:


Bagurano, mwumvire ba shobuja bo ku mubiri muri vyose, atar’ iyo babahagarikiye gusa, nk’abanezereza abantu, ariko mubakorere mutagira ubupfunya mu mitima yanyu, mwubaha Shobuja mukuru.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ