Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 7:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Yigira hafi y’ikigagara, agikorako, abahamvyi barahagarara. Aravuga, ati Muhungu, ndakubariye nti Vyuka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Maze Yesu yegera isandugu yarimwo ikiziga, abari bayiteruye baca barahagarara. Hanyuma avuga ati: “Muhungu, ndakubwiye, haguruka!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 7:14
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze yubarara kur’ uyo mwana ibihetangabo gatatu, atakambira Uhoraho, at’ Ewe Uhoraho Mana yanje, ndakwinginze, ubugingo bg’uyu mwana bumugarukemwo.


Nuk’ Uhoraho yumvira Eliya, ubugingo bg’uyo mwana bumugarukamwo, arahēmbūka.


Ni k’umuntu aryama, ntasubire kuvyuka: Gushitsa ah’ ijuru rizoba ritakiriho, ntibazokwigera bikangura, Canke ngo bavyutswe bave mw itiro ryabo.


Umuntu ni yapfa, mbeg’ azosubira kubaho? Nokwihanganiye imisi y’intambara yanje yose, Nkarorēra igihe canje co kurekurwa.


Abapfuye bawe bazoba bazima; imivyimba y’abantu bawe izozuka. Ni mwikangure, muririmbe, yemwe abaryamye mu mukungugu: kukw ikime cawe kimeze nk’igitonda ku vyatsi, kand’ ivu rizogarura abapfuye.


afata ukuboko kw’ikiziga, arakibarira, ati Talisa kumi; bisobanurwa ngo Gakobga, ndakubariye, nti Vyuka.


Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe, aramubarira, ati Nta co urira.


Uwari yapfuye aravyuka, aricara, atangura kuvuga; Yesu amuha nyina.


Iyo nkuru yiwe ikwira i Yudaya hose no mu gihugu cose gihereranye na ho.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Ūnyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho;


Nk’uko Se azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo abo agomba.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Igihe kiza, kandi kirashitse, ah’ abapfuye bazokwumvira ijwi ry’Umwana w’Imana, kand’ abazoryumva bazoba bazima.


mu nyonga z’Iyo yizeye (nk’uko vyanditswe, ngo Nkugize sekuruza w’amahanga menshi) ni yo Mana, izura abāpfuye, kandi yita ibitariho nk’ibiriho.


kukw ibikorwa na bo mu mpisho biteye isoni no kubivuga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ