Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 6:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ku yindi sabato yinjira mw isinagogi, arigisha: kandi hār’ umuntu anyunyutse ukuboko kw’i buryo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ku wundi musi w’Isabato, Yesu yinjira mw’isinagogi, atangura kwigisha. Aho hari umugabo akongataye ukuboko kw’i buryo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 6:6
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami Yerobowamu yumvise ijambo uwo muntu w’Imana yasemereye, avugiye kur’ ico gicaniro c’i Beteli, amutunga ukuboko ahagaze ku gicaniro, aravuga, ati Ni mumufate! Uwo mwanya ukuboko yar’ amutunze guca kuranyūnyūka, bituma adashobora kukwigarukanako.


Azobona ibara, uwo mwungere w’imburakimazi ata umukuku! Inkota izomukubita ku kuboko, no ku jisho ry’i buryo: ukuboko kwiwe kuzonyunyuka rwose, kand’ ijisho ryiwe ry’i buryo rizohuma agahenebere.


Yesu agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu masinagogi yabo, ababgira ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara n’ubumuga vy’uburyo bgose mu bantu.


Ku musi w’isabato yigishiriza mur’ imwe mu masinagogi.


Yesu abaza abigisha ivyagezwe n’Abafarisayo, ati Mbega biremerwa gukiza umuntu kw isabato, canke ntivyemerwa?


Aja i Nazareti, iyo yakuriye; ku musi w’isabato yinjira mw isinagogi, nk’uko yamenyereye, ava hasi ngw asome.


Aramanuka aja i Kaperinawumu, igisagara c’i Galilaya: kand’ arikw arabigisha kw isabato,


Kw isabato agenda aca mu mirima y’ingano; abigishwa biwe bamyoza ingano, barazihekenya, bazivunze mu minwe.


Kand’ arababgira, at’ Umwana w’umuntu n’Umwami w’isabato.


Muri yo hari haryamye abantu benshi barwaye, n’impumyi, n’abacumbagira, n’abanyunyutse. [Bāri barorereye kw amazi azīkuruka.


Bamwe mu Bafarisayo baravuga, bat’ Uwo muntu ntava ku Mana, kukw ataziririza isabato. Abandi bati Mbeg’ umuntu w’umunyavyaha yoshobora ate gukora ibimenyetso bingana birtyo? Baramupfa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ