31 Kand’ uko mugomba kw abantu babagirira, mube ari ko mubagirira namwe.
31 Ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo mubagirira namwe.
Har’ irindi rya kabiri rimeze nka ryo, n’iri: Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.
Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe; kukw ivyo ar’ ivyagezwe n’ivy’ abavugishijwe n’Imana.
Ūgusaba wese umuhe, ūnyaga ivyawe ntuz’ ubimwake ukundi.
Kukw ivyagezwe vyose bihūrira mur’ iri jambo, ngo Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.