30 Ūgusaba wese umuhe, ūnyaga ivyawe ntuz’ ubimwake ukundi.
30 Umuntu niyagusaba ikintu ukimuhe, uwukunyaze ivyawe ubimuhebere.
Yatanze isābagire, yahaye abakene, Ukugororoka kwiwe kwamah’ ibihe bidashira. Ihembe ryiwe rizoshirwa hejuru mu cubahiro.
Hahirwa ūbabara umurushwa; Uhoraho azomurokora ku musi w’ivyago.
Ūgirira akagongwe umugorwa aba agurānye Uhoraho, Kand’ ukugira neza kwiwe azokumwishura.
Har’ uwifuza afise igihahamizi bukarinda bgira, Arik’ umugororotsi atanga ata kinubge.
Ūrābana ijisho ry’irinyabuntu azohabga umugisha, Kukw aha umugorwa ku vyo kurya vyiwe.
Uhe umugabane abantu ndwi, mbere na munani; kuk’ utazi icago cotera mw isi.
Mmaze gushira umutima wanje ku kumenya ubgenge no kwitegereza igikorwa gikorerwa kw isi — kuko har’ Uwo amaso yiwe atabona agatiro, ari ku murango canke mw ijoro —
Na Data wo mw ijuru ni kw azobagirira, ni mutāharirana, umuntu wese ngw aharire mugenzi we bivuye mu mutima.
ariko jeho ndababgire: Ntimurwanye umunyakibi: ūgukubise urushi mu musaya w’i buryo umuhindukirize n’uwundi;
uduhebere imyenda yacu, nk’uko natwe twahebeye abari mu myenda yacu;
Ariko mutange ibir’ imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’ umve, vyose bizobabera ibiziruwe.
Mugure ivyo mufise, mutange ibiguzi vyavyo kubg’ ubuntu; mwibarīrire imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw ijuru, ahatēgērwa n’igisuma, ata n’inyenzi zōnōna:
Yesu avyumvise aramubgira, ati Na non’ uhajije kimwe; shōra ivy’ ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.
Ūgukubise mu musaya, umuhindukirize n’uwundi; ūkwaka umutamana, ntumwime n’ipfundo.
Kand’ uko mugomba kw abantu babagirira, mube ari ko mubagirira namwe.
ingero nziza, itsindagiye, inyingishe, isēsekaye, ni yo bazobaha mu co muteze. Kukw ingero mugeramwo ari yo muzosubirizwamwo namwe.
Nabahaye akarorero muri vyose, yuko mu butame nk’ubgo, ari ko mukwiye gufasha abadakomeye, no kwibuka amajambo y’Umwami Yesu, ingen’ ubgiwe yavuze, ati Gutanga kuzana umugisha, kuruta guhabga.
Kuko muzi ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, yuko naho yar’ umutunzi, yahindutse umworo kubganyu, kugira ng’ubgoro bgiwe bubatungishe.
Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza, kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye.