Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 6:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Muzobona ibara, mwebge muhāze none; kuko muzosonza. Muzobona ibara, mwebge mutwenga none; kuko muzoboroga murira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Muragowe mwebwe muhaze muri kino gihe, kuko muzosonza. Muragowe mwebwe mutwenga muri kino gihe, kuko muzobabara muboroge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 6:25
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Azohamvya ba sekuruza Batazobona umuco ukundi.


No mu gutwenga umutima ushobora kubabara, Kand’ iherezo ry’ibitwengo rikaba amaganya.


Sinze mpave mpimba nabi, nkakwihakana, nkavuga nt’ Uhoraho n’iki? Kandi noye kuba mworo, ngahava niba, Ngatukisha izina ry’Imana yanje.


Navuze ku bitwengo, nti Birasaze, no ku binezereza, nti Bimaze iki?


Umubabaro uruta agatwengo: kuko naho mu maso hoba hijiriwe, umutima womera neza.


Nk’uko guturagurika kw’amahwa kumeze musi y’inkono, ni ko gutwenga kw’igipfu kumeze; ivyo na vyo nyene n’ubusa.


Ariko n’Abayuda na bo baradandabagiranywa na vino, bakubishwa iserere n’ibiboreza; umuherezi n’ūvugishwa n’Imana baradandabagiranywa n’ ibiboreza, vino irabamaze, bakubishwa iserere n’ibiboreza; iyo bakiriko barērekwa baradandabagirana, iyo bakiriko baraca imanza barazunguzwa.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Imana agize, ati Rāba, abasavyi banje bazorya, ariko mweho muzokwicwa n’inzara; abasavyi banje bazonywa, ariko mweho muzokwicwa n’inyota; abasavyi banje bazonezerwa, ariko mweho muzomāramāra:


Bazoca mu gihugu bamerewe nabi cane bashonje: maze ni bafatwa n’inzara bazoshangashirwa, bavume umwami wabo n’ Imana yabo; bazorarama barābe hejuru:


Umuntu azosahurira i buryo bgiwe, ariko yame ashonje; azorya n’ivy’ i bumoso, na ho nyene ntahāge: umuntu wese azorya mugenzi we kw inyama.


Imisi mikuru yanyu nzoyihindura umuborogo, n’indirimbo zanyu zose zicike agacurantimba; kandi bose nzobakenyeza amagunira, imitwe yose imobge inkomvorera; kandi nzobatera umuborogo nk’uwo baborogera umwana w’umuhungu w’ ikinege, amaherezo yavyo abe umusi w’akabonge.


Kuko naho bomera nk’amahwa azitanye, canke bagahindurwa iveve n’inyobga, bazotōngōrwa rwose nk’ibirararara vyumye.


Maz’ Imana iramubgira, iti Wa gipfu we, mur’ iri joro barakwaka ubugingo bgawe: non’ ivyo wohitikiranije bizoba ivya nde?


Aho ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo, aho muzobonera Aburahamu na Isaka na Yakobo n’abāvugishwa n’Imana bose bari mu bgami bg’Imana, namwe muhindiwe hanze.


Ariko muzobona ibara, mwebge abatunzi; kuko muhejeje gutunganirwa.


Muzobona ibara, ah’abantu bose bazobashemagiza; kukw ari ko ba sekuruza babo bāshemagije abīgira abavugishwa n’Imana.


Baramutwenga bamushinyagurira, kuko bari bazi ko yapfuye.


cank’ ibiteye isoni, cank’ amagambo y’ubupfu, cank’ ibitwenza bibi, kukw ivyo bitabereye; ikibereye n’ugushima Imana.


Aho bazoba bavuga, bati Har’ amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.


Mubabare, muboroge, murire; ibitwengo vyanyu bihinduke amaborogo, umunezero uhinduke umubabaro.


Kuk’ uvuga, uti Nd’ umukire ndatunze kandi nta co nkennye; ntumenye yukw ari wewe mutindi, wafutanye, ur’ umworo, ur’ impumyi, ugenda amēnya;


Abāhoran’ agahimbo basigaye baca ingero, Arikw abāhora bashonje ntibagicumukura. Mber’ uwahora ar’ ingumba avyaye indwi, Uwavyaye benshi arahondobereye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ