Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 6:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Hahirwa mwebge mushonje none, kuko muzohāzwa. Hahirwa mwebge murira none, kuko muzotwenga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Murahiriwe mwebwe mushonje muri kino gihe, kuko muzohazwa. Murahiriwe mwebwe murira muri kino gihe, kuko muzotwenga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 6:21
56 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Aburahamu arapfukama, arūnama aratwenga, yivuganiriza mu mutima, ati Mbeg’ umwana yovyarwa n’ūmaze imyaka ijana? Na Sara amaze imyaka mirongwicenda yoba akivyara?


Sara aravuga, at’ Imana irantwengeje; kand’ abazovyumva bose bizobatwenza nkanje.


Kukw ahāza umutima ufise inyota, N’umutima ushonje awuzuza ivyiza.


Amaso yanje asendanisha inzūzi z’amazi, Kuko batitondera ivyagezwe vyawe.


Nkwayira amaboko; Umushaha wanje ukugirira inyota nk’iy’ igihugu cūmāniwe. Sela.


Jeho nzorāba mu nyonga hawe ngororoka, Nikanguye nzonyurwa n’ ishusho yawe.


Uhoraho ni we nkomezi zanje n’inkinzo yanje, Umutima wanje uhora umwizigira, ngatabarwa: Ni co gituma umutima wanje unezerwa cane, Kandi nzomutazirisha indirimbo yanje.


Hahirwa umuntu utoranya, ukamwiyegereza, Kugira ngw abe mu nyubakwa zawe: Tuzohāzwa n’ivyiza vyo mu ngoro yawe, Vy’ahēra ho mu rusengero rwawe.


Kandi kur’ uyu musozi Uhoraho Nyen’ ingabo azohategurira amahanga yose amazimano y’inyama zinuze, amazimano ya vino y’umukāka, inyama zinuze zuzuye imisokōro, na vino y’umukāka imiminnye neza.


Yemwe bantu b’i Siyoni, ababa i Yerusalemu: ntimuzoba mukirira ukundi; ntazobura kubagirira ubuntu ni yumva ijwi ry’ugutakamba kwanyu; acumva azobishura.


Munezeranwe n’i Yerusalemu, muhimbarwe kubgaho, yemwe abahakunda mwese; munezeranwe na ho akanyamuneza, yemwe abāharirira mwese:


Ariko ni mwanka kuvyumva, umutima wanje uzoririra mu mpisho, urizwe n’ubgibone bganyu; amaso yanje azorira cane, acundugute amosozi, kuk’ umukuku w’intama z’Uhoraho unyazwe.


Kuko nashubije intege mu mutima urushe, n’umutima udendebukiwe nkawuhēmbūra.


Bazoza barira, kandi nzobarōngōra banyinginga, nzobacisha i ruhande y’inzūzi zuzuye, mu nzira igororotse aho batazotsitara; kuko Isirayeli namubereye se, Efurayimu n’imfura yanje.


Icompa umutwe wanje ukuzuramw’ amazi, amaso yanje akaba isōko y’amosozi, kugira ngo name ndira ku murango no mw ijoro, ndirira abishwe ba wa mukobga, ari bo bgoko bgacu!


Arikw abacitse bo muri bo bazocika bakire, bazoba ku misozi bameze nk’inuma zo mu myonga, bose bazoba bacura intimba, umuntu wese kubg’ ibigabitanyo vyiwe.


Nuk’ Uhoraho aramubgira, ati Genda unyuragire hagati mu gisagara, muri Yerusalemu, ushire ikimenyetso mu ruhanga rw’abantu banihishwa n’ ibizira vyose bikorerwa hagati muri co, bikabariza.


Hahirwa abatuntuye, kukw ari bo bazokwirurwa.


Hahirwa abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, kukw ari bo bazohāzwa.


Abashonje yabahāgije ivyiza, Yirukanye abatunzi bagenda imvumure.


Yunamurira abigishwa biwe amaso, arababgira, ati Hahirwa mwebge aboro; kuk’ ubgami bg’Imana ar’ ubganyu.


Muzoba muhiriwe abantu ni babanka bakabaca, bakabatuka, bakanegura izina ryanyu nk’ah’ ari ribi, babahōye Umwana w’umuntu.


Muzobona ibara, mwebge muhāze none; kuko muzosonza. Muzobona ibara, mwebge mutwenga none; kuko muzoboroga murira.


Yesu aramwishura, at’ Iy’ uba war’ uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’ūgusavye ngo Mpa utwo kunywa uw’ ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y’ubugingo.


Yesu arababgira, ati Ni jewe mutsima w’ubugingo: ūza kuri jewe ntazosonza na mba, kand’ ūnyizera nta ho azogira inyota na mba.


Gushitsa n’ubu twishwe n’inzara n’inyota, twambaye ubusa, dukubitwa ibipfunsi, tubura uburagamo,


mu butame no mu bucumukure, ndāra maso kenshi, ngira inzara n’inyota, mmara ubusa kenshi, nicwa n’imbeho, nambara ubusa.


Ni co gituma kubga Kristo nzonezererwa intege nke zanje, no gukubagurwa, n’imibabaro, no guhīgwa, n’ivyago: kukw iyo mbaye umunyantege nke ari ho ndushiriza kugira ubushobozi.


tuboneka nk’abababara, ariko tunezerwa imisi yose; tuboneka nk’aboro, ariko dutungisha benshi; tuboneka nk’abatagira ico batunze, yamara dutunze vyose.


Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda.


Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’ Eh’ ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’ izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’ Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo.


Ntibazoba bakigira inzara ukundi, kandi ntibazoba bakigira inyota ukundi, kand’ izuba ntirizobarabika cank’ indugumba yose,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ