Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 6:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Kand’ ishengero ryose rigerageza kumukorako, kuk’ ubushobozi bgāmuvamwo bukabakiza bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 kandi abantu bose bagerageza kumukorako, kuko ububasha bwo gukiza ingwara bwamuvamwo bugakiza abantu bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 6:19
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umusi ur’ izina, harih’ abāri bagiye guhamba umuntu; bagize bartya, babona haje igitero; bashiburira uwo muvyimba mw isenga yahambgemwo Elisa, maz’ uwo muvyimba ugikora ku magufa ya Elisa, uwo muntu aca ararabūka, ava hasi, arahagarara.


baramwinginga ngo bakore ku buyonga bg’impuzu yiwe gusa, ababukozeko bose barakira.


Kuko yakijije benshi, ni co catumye abāri bafise ivyago bose bamuhenukirako, ngo bamukoreko.


Ako kanya Yesu yumva muri we ubushobozi bumuvamwo, ahindukira abāndana n’ishengero, arababaza, ati Ni nde akoze ku mpuzu zanje?


Kand’ aho yaja, mu mihana canke mu bisagara canke mu misozi, bāshira abarwaye mu tuguriro, bakamwinginga ngo bamukore naho hoba ku buyonga bg’impuzu yiwe gusa; abamukozeko bose bagakira.


Baraza bashika i Betsayida. Bamuzanira impumyi, baramwinginga ngw ayikoreko.


Ku musi umwe muri yo yarigisha. Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bāri bicayeho, bavuye mu mihana yose y’i Galilaya n’i Yudaya n’i Yerusalemu; kand’ ubushobozi bg’Umwami Imana bgari muri we bgo gukiza indwara.


Kandi n’abababazwa n’impwemu zihumanye barakizwa.


vyatuma bashīra abarwaye ibitambara n’ivyambazo bivuye ku mubiri wiwe, bagakira indwara zabo, impwemu zihumanye zikabavamwo.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ