Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 6:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Amanukana na bo, ahagarara ahateze, kandi hārih’ ishengero ryinshi ry’abigishwa biwe, n’ishengero ryinshi ry’abantu bavuye i Yudaya hose n’i Yerusalemu no mu gihugu co muri Tiro n’i Sidoni gihereranye n’ikiyaga kinini, baje kumwumva no gukizwa indwara zabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Hanyuma Yesu ava kuri uwo musozi amanukana na bo, bashika ahantu hateze, bahasanga isinzi ry’abigishwa biwe, hamwe n’abandi bantu benshi bari baje bava i Yudaya, i Yerusalemu, no mu micungararo y’intara za Tiro na Sidoni yegereye ikiyaga,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 6:17
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni we aharira ibigabitanyo vyawe vyose, Agakiza indwara zawe zose,


At’ Uzobona ibara, Korazini; uzobona ibara, Betsayida; kukw ibikomeye vyakorewe muri mwebge iyo biba vyarakorewe muri Tiro n’i Sidoni, baba barihannye kera, bakambara amagunira, bakīsīga iminyota.


Yesu abimenye, arahava. Benshi baramukurikira, abakiza bose.


Avuye mu bgato, abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe, abakiriza abarwaye.


Yesu arahava, aja ahegereye muri Tiro n’i Sidoni.


Abonye iryo shengero, adūga umusozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baramwēgēra.


Arikw inkuru yiwe irushiriza gukwira, ishengero ryinshi rikoranira kumwumva no gukizwa indwara zabo.


Mur’ iyo misi avayo, aja ku musozi gusenga: akesha ijoro asenga Imana.


na Yuda mwene Yakobo, na Yuda Isikaryota yabaye umuguranyi.


Kandi n’abababazwa n’impwemu zihumanye barakizwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ