Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 6:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Simoni, uwo yise Petero, na Andereya mwene nyina, na Yakobo, na Yohana, na Filipo, na Barutolomayo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Simoni, uwo Yesu yise Petero, mwene nyina Andereya, Yakobo, Yohana, Filipo, Baruteremi,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 6:14
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amazina y’izo ntumwa cumi na zibiri n’aya: Uwa mbere ni Simoni, yitwa Petero, na mwene nyina Andereya, na Yakobo mwene Zebedayo na mwene nyina Yohana,


na Filipo na Barutolomayo na Toma na Matayo umutozakori, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo,


Aciye i ruhande y’ikiyaga c’i Galilaya, abona abavukana babiri, Simoni yitwa Petero, na Andereya mwene nyina, bariko baraterera urusenga mu kiyaga, kuko bār’ abarovyi.


Yīgiye imbere yaho, abona abavukana bandi babiri, Yakobo mwene Zebedayo, na mwene nyina Yohana, bari kumwe na se Zebedayo mu bgato, bariko barasana insenga zabo, arabahamagara.


Yīgiye imbere gato, abona Yakobo mwene Zebedayo na Yohana mwene nyina, na bo bari mu bgato basana insenga.


Bavuye mw isinagogi, baca bajana na Yakobo na Yohana mu nzu kwa Simoni na Andereya.


Ajana Petero na Yakobo na Yohana, atangura kwumirwa no guhagarika umutima cane.


Nukw atoranya aba cumi na babiri: Simoni, amwita Petero;


Ntiyakundira uwundi muntu kujana na we, atari Petero na Yakobo na Yohana mwene nyina wa Yakobo.


Imisi itandatu ishize, Yesu ajana Petero na Yakobo na Yohana, abadūgana igisozi kirekire ari bonyene. Ahinduka ukundi imbere yabo,


Na Yakobo na Yohana bene Zebedayo na bo baratangara, bari bafatanije na Simoni. Yesu abgira Simoni, ati Nta co utinya, uhereye none uzoroba abantu.


Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’ umunyavyaha.


Ijoro rikeye, ahamagara abigishwa biwe, atoranyamw’ icumi na babiri, abita intumwa;


na Matayo, na Toma, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni yitwa Zelote,


Filipo abona Natanayeli, aramubgira, at, Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n’abāvugishwa n’Imana bakamwandika, twamubonye, ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.


Filipo aramubgira, ati Mugenzi, twereke So, bizoba bihaye.


Yesu yunamuye amaso, abona ishengero ryinshi riza kuri we, abaza Filipo, ati Tugurira hehe imitsima, ngo barye bose?


Umwe mu bigishwa biwe, ni Andereya mwene nyina wa Simoni Petero, aramubgira,


Bashitseyo, barūrira baja mu nzu yo hejuru, aho bāri basembereye, ari Petero, na Yohana, na Yakobo, na Andereya, na Filipo, na Toma, na Barutolomayo, na Matayo, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni Zelote, na Yuda mwene Yakobo.


Yicisha inkota Yakobo mwene nyina wa Yohana.


Simoni Petero, umugurano wa Yesu Kristo kand’ intumwa yiwe, ndabandikiye mwebge abāhawe ukwizera kw’akaburarugero kungana n’ukwacu, muguheshejwe n’ukugororoka kwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu n’Umukiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ