Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 6:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Kw isabato agenda aca mu mirima y’ingano; abigishwa biwe bamyoza ingano, barazihekenya, bazivunze mu minwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Umusi umwe, Yesu yaciye mu mirima y’ingano, kandi hari kw’Isabato. Abigishwa biwe baca batangura guca imitwe y’ingano zeze, barazivungura, bakuramwo intete, barazirya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 6:1
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muze mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe; ku musi w’intangamarāra muze mukūre umwambiro n’icambiwe cose mu mazu yanyu; kuk’ umuntu azorya ku mutsima wambiwe, uhereye ku musi w’ intangamarāra ugashitsa ku musi ugira indwi, uwo muntu az’ acibge mu Bisirayeli.


Kandi muze muharūre imisi, muhereye kur’ uwo musi nyene ukurikira isabato, ari wo musi mwazaniyeko umukama w’ishikanwa ryo kuzunguzwa, habe amasabato ndwi yiramvuriye.


Ku musi w’intangamarāra wayo muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera: ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako.


Kandi nta muntu yanyoye vino ihiye yogomba umutobe: kukw avuga, at’ Īhiye ni yo nziza.


Ku yindi sabato yinjira mw isinagogi, arigisha: kandi hār’ umuntu anyunyutse ukuboko kw’i buryo.


Muze muharūre amasabato ndwi; muyaharūre muhereye igihe mutanguriye guha amahonda umuhoro.


Kandi ni hagira ūca mu mahonda y’uwundi, ashobora kumyoza utwo ahekenya, ariko ntashobora gushira umuhoro muri yo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ