Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 5:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’ umunyavyaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Simoni Petero abibonye, apfukama imbere ya Yesu, amubwira ati: “Mwami, igira kure yanje kuko ndi umunyavyaha!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 5:8
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo musi Dawidi aca aterwa ubgoba n’Uhoraho; aravuga, ati Mbeg’ isandugu y’Uhoraho vyoshoboka bite kw iza i wanje?


Nyina abarira Eliya, ati Twapfuye iki ga muntu w’Imana? Waje i wanje kwibukiriza ivyaha vyanje, no kunyicishiriza umwana?


ati Rāba ndi nta kimazi: nokwishura iki? Nifashe ku munwa.


Babgira Mose, bati Ba ari wewe utubarira, ni ho twovyumva: arikw Imana yoye kuba ari yo itwibaririra, ntiduhave dupfa.


Maze ndavuga, nti Mbonye ibara, ndapfuye; kuko nd’ umunyaminwa yanduye, kandi mba hagati y’ubgoko bufise iminwa yanduye; kukw amaso yanje abonye Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo.


Abigishwa bavyumvise, bubama hasi baratinya cane.


Bashitse mu nzu babona uwo mwana na Mariya nyina wiwe; bikubita hasi, baramupfukamira, barumūra ibisimbo vyabo, bamushikanira amashikanwa, izahabu n’imibavu n’isenga.


Umugabisha aramwishura, ati Mugenzi, ntibimbereye ko winjira mu nzu yanje; vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira.


Bākura abagenzi babo bāri mu bundi bgato, ngo baze babafashe: baraza, buzuza amato yompi, agomba kudobera.


Kukw atangaye, n’abāri kumwe na we bose, babonye ifi barovye.


Mariya ashitse aho Yesu ari, amubonye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, ati Mugenzi, iy’ uba wari hano, musazanje ntaba yāhwereye.


Kuk’ ubu turābira mu cirore ivyijiji, arikw ico gihe tuzorāba nk’abarābana imbonankubone. Ubu nzi agace, arikw ico gihe nzomenya rwose nk’uko namenywe rwose.


Ndamubonye, nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’ūpfuye; maz’ anshirak’ ukuboko kw’i buryo, ati Ntutinye; jewe nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo,


Maze Manowa abarira umugore wiwe, ati Nta kabuza turapfuye, kuko tubonye Imana!


Abo bantu b’i Beti‐shemeshi baravuga, bati Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’Uhoraho, iyi Mana yera? Mbega none yodūga hehe, kugira ngw ituvemwo?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ