38 Arikw igikwiye n’ugutara umutobe wa vino mu mikuza misha.
38 Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha.
Kandi nzobaha umutima musha, mbashiremw’ impwemu nsha; nzokūra umutima ukomeye nk’ibuye mu mibiri yanyu, mbahe umutima woroshe nk’ inyama.
Nta wotara umutobe wa vino mu mikuza y’insato ibōmbōtse: imikuza yoturika, vino igashirira hasi, imikuza igapfa. Arik’ umutobe wa vino bawutara mu mikuza misha, vyompi bikarama.
Kandi nta wotara umutobe wa vino mu mikuza y’insato ibōmbōtse; kuko vino yoturitsa iyo mikuza, igashirira hasi, imikuza igapfa.
Kandi nta muntu yanyoye vino ihiye yogomba umutobe: kukw avuga, at’ Īhiye ni yo nziza.
Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha.
kand’ ari co coshimishije abīgira bene Data bānyegetejwe mw ishengero, binjiye mu mpisho ngo batate ukwidegemvya kwacu dufise muri Kristo Yesu, kugira ngo badushire mu buja.
kuko kwimenyereza kw’umubiri kugira ikimazi kuri bike, ariko kwubaha Imana kugira ikimazi kuri vyose, kuko kuzana isezerano ry’ubugingo bga none n’ubuzoza.
Īvyagira kuri ya ntebe iravuga, iti Rāba vyose ndabihindura bisha. Kand’ it’ Andika, kukw ayo majambo ar’ ayo kwizerwa n’ay’ ukuri.