Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 5:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Yesu arababaza, ati Mbega mwoshobora mute kugera abātowe ngo bisonzeshe, bakiri kumwe n’umukwe?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Yesu arabishura ati: “Mbega abatumire b’umukwe bokwisonzesha bakiri kumwe na we mu musi mukuru? Ntibishoboka!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 5:34
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndabihanikirije, mwa bakobga b’i Yerusalemu mwe, ni mwambonera umukunzi wanje, Mumumbgirire yuk’ urukundo runshābije.


Umukunzi wawe yaroye hehe, Yewe urusha abandi bagore akaranga? Umukunzi wawe yakebereje hehe, Ngo tumurondere dufatanije nawe?


Kuko jewe Umuremyi wawe ari jewe mugabo wawe; Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryanje; Uwera w’Abisirayeli ni jewe Mucunguzi wawe; nzokwitwa Imana y’isi yose.


Nk’uk’ umusore arongora inkumi, ni kw abakubamwo bazokurongora, ewe Yerusalemu; kandi nk’uk’ umukwe anezererwa umugeni, ni kw Imana yawe izokunezererwa.


Uhoraho Imana yawe ari hagati muri wewe n’umuhizi ashobora gukiza: azokunezererwa n’akanyamuneza, ahwekerere mu rukundo rwiwe; azokunezererwa avuza impundu,


at’ Ubgami bgo mw ijuru busa n’umwami atahisha ubukwe bg’umwana wiwe arongora.


Yesu arababaza, at’ Abātowe bobabara bate bakiri kumwe n’umukwe? Har’ imisi izoza umukwe akūrwe muri bo, ni ho bazokwisonzesha.


Na bo baramubgira, bat’ Abigishwa ba Yohana barisonzesha kenshi bagasenga, n’ab’ Abafarisayo n’uko, arikw abawe barīrīra, barīnywera.


Ariko har’ imisi izoza; kand’ umukwe ni yabakūrwamwo, bazoca bisonzesha mur’ iyo misi.


Ūhawe umugeni ni we mukwe, arik’ umugenzi w’uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n’ijwi ry’umukwe; nukw ako kanyamuneza kanje karashitse.


Mbafuhira ifuhe ryo kubg’ Imana, kuko nabahaye umugabo umwe, ni we Kristo, ngo ndabamushingire mumeze nk’inkumi itunganye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ