Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 5:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe bafatanye na bo bidodombera abigishwa ba Yesu, bati N’iki gitumye musangira n’abatozakori n’abanyavyaha?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe babaza abigishwa ba Yesu bamwidodombera bati: “Ni kuki mwicarana n’abatozakori n’abandi banyavyaha, mugasangira na bo?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 5:30
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

bakavuga, bati Hagarara ukwawe, ntunyegēre, kuko jewe nkurusha kuba uwejejwe. Ben’ abo bambera umwotsi wo mu mazuru, n’umuriro wīriza umusi waka.


Ni mwakunda ababakunda, muri n’impēra ki? Mbeg’ abatozakori bo si ko bagira?


Abafarisayo babibonye, babaza abigishwa biwe, bati N’iki gitumye umwigisha wanyu asangira n’abatozakori n’abanyavyaha?


Abanyabgenge b’ivyanditswe bo mu Bafarisayo babonye asangira n’abanyavyaha n’abatozakori babgira abigishwa biwe, bati Mbega kw asangira n’abatozakori n’abanyavyaha!


Arikw Abafarisayo n’Abayuda bose, iyo batīfyikinyuye mu gukaraba ntibārya, kuko bākurikiye imigenzo bābgirijwe n’aba kera.


Arababaza, ati Mwariko murabahāririza ibiki?


Umufarisayo ahagaze asengera ku mutima wiwe, ati Mana, ndagushimye yuko ntameze nk’abandi bose, abanyazi, cank’ abagabitanya, cank’ abasambanyi, canke n’abameze nk’urya mutozakori.


Babibonye, bose baridodomba, bati Ko yinjiye kurārira umuntu w’umunyavyaha!


Ku musi umwe muri yo yarigisha. Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bāri bicayeho, bavuye mu mihana yose y’i Galilaya n’i Yudaya n’i Yerusalemu; kand’ ubushobozi bg’Umwami Imana bgari muri we bgo gukiza indwara.


Abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo batangura kwibūranya, bat’ Uyo ni nde arogose? Ni nde ashobora guharira ivyaha atar’ Imana yonyene?


Umwana w’umuntu yaje arya, anywa, mugira muti Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino, incuti y’abatozakori n’abanyavyaha.


Wa Mufarisayo yamuhamagaye abibonye, aribgira, at’ Uyu muntu iy’aba ūvugishwa n’Imana, yari kumenya uyu mugore amukozeko, ukw ari kand’ ukw asa, kw ar’ umunyavyaha.


Habah’ urwamo rwinshi; bamwe mu banyabgenge b’ivyanditswe bo mu muce w’Abafarisayo bava hasi barahārīra, bati Nta kibi twabonye kur’ uyu muntu. Kumbure impwemu cank’ umumarayika yoba yavuganye na we.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ