Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 5:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Lewi amurondereza izimano ryinshi mu nzu yiwe: kandi hār’ abantu benshi b’abatozakori n’abandi bicaranye na bo basangira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Mu nyuma Lewi ategurira amazimano Yesu i muhira iwe, atumira n’abatozakori benshi n’abandi bantu, baraza basangira na bo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 5:29
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwana w’umuntu yaje, arya, anywa, baravuga bati Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino, incuti y’abatozakori n’abanyavyaha. Kand’ ubgenge burangwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabgo.


Ni mwakunda ababakunda, muri n’impēra ki? Mbeg’ abatozakori bo si ko bagira?


Kandi Yesu acicaye mu nzu arikw ararya, haza benshi mu batozakori n’abanyavyaha, basangira na Yesu n’abigishwa biwe.


Yesu ahavuye, abona umuntu yitwa Matayo, yicaye aho yatoreza ikibuguro. Aramubarira, ati Nkurikira. Ava hasi, aramukurikira.


Kandi yicaye mu nzu y’uwo, arikw ararya, haza benshi mu batozakori n’abanyavyaha basangira na Yesu n’abigishwa biwe: bāri benshi, kandi bāramukurikira.


Abatozakori bose n’abanyavyaha bāriko baramwēgēra, ngo bamwumve.


Barahamuzimanira; Marita yarahereza, kandi na Lazaro yar’ umwe wo mu bicaranye na we basangira.


Umuntu wo mu batizera ni yabahamagara, mukagomba kugenda, ico bazoshira imbere yanyu cose, mube mukirya, ata co mubajije, kubg’ ijwi ryo mu mutima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ