Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 5:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Bose barumirwa cane, bahimbaza Imana, baterwa n’ubgoba bginshi, bat’ Uyu musi tubonye ibitangaza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Abari ngaho bose baratangara cane kandi bagira n’ubwoba, bahimbaza Imana bavuga bati: “Uwu musi amaso yacu abonye ibitangaza!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 5:26
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ iki gisagara kizombera izina ry’umunezero, kimbere n’ishimwe n’icubahiro imbere y’amahanga yose yo mw isi, abazokwumva ivyiza vyose nabakoreye; bazotinya bahinde agashitsi kubg’ ivyiza vyose n’ amahoro yose ndahahaye.


maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.


Ishengero ryose rirumirwa, riti Mbeg uyu yoba wa mwana wa Dawidi?


Bava ku mva n’ingoga, bari n’ubgoba n’akanyamuneza kenshi, birukanga kubibgira abigishwa biwe.


Ishengero ribibonye, riratinya, rihimbaza Imana yahaye abantu ububasha ben’ ubgo.


Aravyuka, aca yikorera inderuzo, asohoka imbere ya bose: nuko bose barumirwa, bahimbaza Imana, bati Ntitwaribgabone ben’ ibi.


Ababanyi babo bose baterwa n’ubgoba: ayo majambo yose akwira mu mugamba wose w’i Yudaya.


Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’ umunyavyaha.


Bose baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana, bat’ Ūvugishwa n’Imana ahambaye aserutse muri twebge; kandi bat’ Imana igendeye abantu bayo.


Abantu bose bo mu gihugu c’Abageraseni gikikije aho baramwinginga ngw ave i wabo, kuko bāri batewe n’ubgoba bginshi. Atambukira mu bgato, asubira inyuma.


Na bo bongeye kubahahiriza, barabarekura, babuze uko bobahana kubg’ abantu, kuko bose bāhimbaza Imana ku vyābaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ