Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 5:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Maze Yesu, amenye ivyo bibūranya, arababaza, ati Mwibūranya ibiki mu mitima yanyu?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Yesu aca aramenya ivyo bariko bariyumvira, maze arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 5:22
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi nawe, mwana wanje Salomo, ukwiye kumenya Imana ya so, uyisabane umutima utunganye kand’ ukunze; kuk’ Uhoraho asuzuma imitima yose, akamenya imigabo yose n’ivyiyumviro vyose. Ni wamurondera uzomubona, ariko ni wamuvako, azoguheba gushitsa ibihe vyose.


Urazi iyicara ryanje n’īva hasi ryanje, Umenyera kure ivyo niyumvira.


Akazīkira n’igisesema k’Uhoraho, Arikw amajambo y’igikundiro imbere yiwe ntagira akarohe.


Kuko nzi ibikorwa vyabo n’ ivyiyumviro vyabo. Igihe kigiye kuza nzokoranya amahanga yose n’ab’ indimi zose; bazoza babone ubgiza bganje.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Uwo musi ni washika, hazoza ivyiyumviro mu mutima wawe, wīgīre imigabo y’ibibi:


Yesu abimenye, arahava. Benshi baramukurikira, abakiza bose.


Amenye ivyo biyumvira, arababgira, at’ Ubgami bgose iyo bgitandukanije ubgabgo burahona. Igisagara cose n’umuryango wose iyo vyitandukanije ntibirama.


Yesu amenye ivyo biyumvira arababaza, ati N’iki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?


Yesu arabimenya, arababaza, ati N’iki gitumye mwībūranya ngo nta mitsima mufise? Ntimuraruha mubimenya canke mubitahura? Mbega mufise imitima ikomantaye?


Arababaza, at’ Ikibahagaritse imitima n’iki? Kandi n’iki gitumye mubūranisha imitima?


Abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo batangura kwibūranya, bat’ Uyo ni nde arogose? Ni nde ashobora guharira ivyaha atar’ Imana yonyene?


Icoroshe n’ikihe, n’ukuvuga nt’ Uhariwe ivyaha vyawe; canke n’ukuvuga nti Vyuka ugende?


Petero aramubaza, ati Ananiya, n’iki gitumye Satani yuzuza umutima wawe guhenda Mpwemu Yera, ukīsigariza ku biguzi vy’ishamvu?


Kukw ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’ inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.


Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ