Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 5:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ikindi gihe ari mu gisagara kimwe muri vyo, haza umuntu ajejeta imibembe: abonye Yesu yikubita hasi yubamye, aramwinginga, ati Mugenzi, ukunze, woshobora kumpumanura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Yesu ari muri kimwe mu bisagara vy’aho hantu, haza umuntu yuzuye imibembe umubiri wose. Abonye Yesu, yikubita imbere yiwe yubitse umutwe hasi, aramwinginga ati: “Mwami, ubishatse woshobora kumpumanura.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 5:12
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbega har’ ikinanira Uhoraho? Igihe gishinzwe, umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, nzogaruka i wawe Sara yavyaye umuhungu.


Maz’ abantu bose babibonye, barunama bashika hasi, baravuga, bat’ Uhoraho ni we Mana, Uhoraho ni we Mana!


Namani, umugabisha w’ingabo z’umwami w’i Siriya, yar’ atonnye kuri shebuja, kandi yar’ umunyacubahiro, kukw ari we Uhoraho yaha inganji yatuma Abasiriya banesha; yar’ umuhizi w’inkomezi, ariko yar’ umunyamibembe.


None rer’ imibembe ya Namani izokwōmako no ku ruvyaro rwawe kugeza ibihe vyose. Maze Gehazi ava imbere yiwe ajejeta imibembe, yera nka shelegi.


Kandi hār’ abantu bane b’abanyamibembe kw irembo ry’igisagara; baravugana, bati N’iki kitwicaritse ngaha kugira ngo tuhapfire?


Dawidi yunamuye amaso, abona uwo mumarayika w’Uhoraho ahagaze mu kirēre, hagati y’isi n’ijuru, asokōye inkota ayibanguriye Yerusalemu. Maze Dawidi n’abakuru, bambaye amagunira, baca barapfukama, barūnama.


Uz’ unyambaze ku musi w’ amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.


Azonyambaza, nanje ndamwitabe, Nzobana na we mu marushwa, Ndamukize, mmuhe icubahiro.


Uhoraho atakw aramubarira, ati Shira igikonjo cawe mu gikiriza. Agishira mu gikiriza; agisokoroye, asanga kijējēta imibembe, cera nka shelegi.


Na ho ahar’ izo nyama zijega, ni hasubira guhinduka, hakēra, asubire ku muherezi,


Umuriro uvuye imbere y’Uhoraho uraheza uraza, utōngōrera ku gicaniro ca kimazi coshejwe bo na vya binure: abo bantu bose babibonye, basēsereza impundu, barūnama bashika hasi.


Yesu ar’ i Betaniya mu nzu kwa Simoni umunyamibembe,


Ashitse mu nzu, za mpumyi ziza kuri we. Maze Yesu arazibaza, ati Murizeye ko nshobora kubikora? Na zo zit’ Ego me, Mushingantahe.


aramwinginga cane, at’ Akana kanje k’agakobga kari ku mpfiro, ndakwinginze, n’uze se, umurambikekw ibiganza, akire, abeho.


yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushima: kand’ uwo yar’ Umusamariya.


Aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka. Imibembe ica imuvako.


Muze mwitwaririke ivy’ indwara y’imibembe, kugira ngo mugire umwete wo kwitondera no gushitsa ivyo abaherezi ari bo Balewi bazobigisha vyose; nk’ukw abo nabibageze, az’ abe ari ko namwe muvyitondera, mubishitse.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.


Aramwishura, at’ Ekāye: arikw ikinzanye ubu n’uko nd’ umugabisha w’ingabo z’Uhoraho. Maze Yosuwa arapfukama, arūnama, amuha icubahiro, aramubaza, ati Mugenzi, jewe umusavyi wawe non’ ico ugomba kumbarira n’iki?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ