Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 5:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nukw ishengero ririko riramubanda ryumva ijambo ry’Imana, yar’ ahagaze ku musenyi w’ikiyaga c’i Genesareti.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Umusi umwe Yesu yari ku nkengera y’ikiyaga c’i Genezareti, akikujwe n’isinzi ry’abantu bariko bumviriza ijambo ry’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 5:1
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ruvudutse i Shefamu, rumanuke, rushike i Ribula, hirya ya Ayini ahahera i burasirazuba; ruheze rumanuke rujane inkōkoro y’ikiyaga Kinereti ihera i burasirazuba;


Uhereye mu gihe ca Yohana Umubatizi ugashitsa n’ubu barabandanira ubgami bgo mw ijuru, ababandana babunyakurisha ubuhizi.


Bamaze kujabuka hakurya, bafata i musozi mu ntāra y’i Genesareti.


Abarira abigishwa biwe ngo bagumishe ubgato butoya hafi kubg’ ishengero, ngo ntirimubānde.


Atangura ukundi gusha kwigishiriza ku nkombe y’ikiyaga. Ishengero ryinshi cane rikoranira kuri we, bimutera gutambukira mu bgato buri mu kiyaga, yicaramwo, ishengero ryose riguma ku nkombe y’ikiyaga.


Aragenda, ajana na we. Ishengero ryinshi riramukurikira rimubanda.


Bamaze kujabuka hakurya, bafata i musozi mu ntāra y’i Genesareti, bazirika ubgato ku nkombe.


Mur’ ico gihe, ishengero ry’abantu ibihumbi vyinshi rikoranira kuri we, bakandagirana, ahēra ku bigishwa biwe, arababarira, ati Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ni wo buryarya.


Abona amato abiri aziritswe ku nkombe y’ikiyaga, arikw abarovyi bāri bayavuyemwo, boza insenga.


Ku musi umwe mur’ iyo atambukira mu bgato, bo n’abigishwa biwe, arababgira, ati Tujabuke, tuje hakurya y’ikiyaga. Baterera ubgato, bava ku nkombe.


Bariko baragenda, arasinzira; hamanuka inkūbi y’umuyaga mu kiyaga, ubgato bgariko buruzura amazi, bari mw irinde.


Abadayimoni basokoroka mur’ uno muntu, binjira muri nya ngurube, umukuku wirukira ku gatembge, zīsuka mu kiyaga, amazi araziniga.


Yesu arabaza, ati Ni nde ankozeko? Bose bahakanye, Petero n’abāri kumwe na we baramwishura, bat’ Erega Mwigisha, n’ishengero rigutaye hagati rikubānda.


Andereya mwene nyina wa Simoni Petero, yar’ umwe mur’ abo babiri bumvise Yohana, bagakurikira Yesu.


Hanyuma y’ivyo Yesu avayo, yīgira hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya citwa Tiberiya.


kandi mbaha n’ikiyaya Araba, urubibe rugarukira kuri Yorodani, uhereye i Kinereti, ugashitsa ku kiyaga co mur’ ico kiyaya Araba, ari co Kiyaga c’Umunyu, kiri musi y’ agahanamo ka Pisiga ahahera i burasirazuba.


Mwibuke abābaganza, bakababgira ijambo ry’Imana; mwitegereje iherezo ry’ingeso zabo, mwīgāne ukwizera kwabo.


bo n’ikiyaya Araba, ugashitsa ku kiyaga Kinereti ku ruhande rw’i burasirazuba, no ku kiyaga co mur’ ico kiyaya Araba nyene, ari co Kiyaga c’Umunyu, ku ruhande rw’i burasirazuba uko rugiye rurābana n’i Beti‐yeshimoti, ugaca i bumanuko, musi y’agahanamo ka Pisiga.


bo n’ibisagara vyo mu kiyaya, i Beti‐haramu n’i Beti‐nimura n’i Sukoti n’i Safoni, n’igihimba casigaye c’igihugu ca Sihoni, umwami w’i Heshiboni; Yorodani ni rwo rwar’ urubibe rwabo gushitsa ah’ ikiyaga c’i Kinereti kigarukira, hakurya ya Yorodani ahahera i burasirazuba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ