Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 4:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Usenge Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usaba yonyene.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera!’”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 4:8
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Hezekiya asengera imbere y’Uhoraho, at’ Ewe Uhoraho, Mana y’ Abisirayeli, uvyagiye ku bakerubi, ni wewe Mana wenyene y’ibihugu vy’abami bose bo mw isi, ni wewe waremye ijuru n’isi.


Kugira ngo bamenye yuko wewe, uwitwa uhoraho, Kw ari wewe Usumba vyose, ukaganza isi yose.


Kurābana agakēngērwe kw’abantu kuzocishwa bugufi, n’ubgibone bg’abahambaye buzosubizwa hasi, Uhoraho wenyene ni we azoba ashizwe hejuru kur’ uwo musi.


Ahindukirira Petero, ati Herēra inyuma yanje, Satani; ur’ ikintsitaza, kukw ivy’ Imana atari vyo ubabaye, ubabaye ivy’ abantu.


Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ng’ Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’ abe ari yo usaba yonyene.


Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa.


nuko ni wampfukamira, ukansenga, ubgo bgose buraba ubgawe.


Mwubahe Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata, izina ryiwe ribe ari ryo murahira.


Muze mwubahe Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba, izina ryiwe abe ari ryo murahira.


Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga.


Mumurwanye mufise ukwizera gushikamye, muzi yukw imibabaro ihwanye n’iyanyu ishitswa kuri bene Data bari mw isi.


Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingira intahe Yesu: Imana ba ari yo usenga. Kukw abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.


Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So, abavugishwa n’Imana, n’uw’ abitondera amajambo y’iki gitabo. Imana ba ari yo usenga.


Maze Samweli abarira ab’ inzu y’Abisirayeli bose, ati Ni mwaba mugarutse k’Uhoraho n’ imitima yanyu yose, ni mukūreh’ ibigirwamana vy’abanyamahanga na Ashitaroti biri muri mwebge, muherereze imitima yanyu k’Uhoraho, abe ari we musaba wenyene, na we azobarokora, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ