Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Abakozi ba Egiputa n’abadandaza ba Etiyopiya n’abagabo barebare b’i Sabe bazoza bagukomere amashi, bazoba abawe, bagukurikire, bazoza bari mu minyororo, bakwikubite imbere, bagutakambire, bati N’ukuri Imana iri muri wewe, kandi nta yindi iriho, nta yindi Mana.
Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.