Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 4:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Kandi n’abadayimoni bava muri benshi, basemerera, bat’ Ur’ Umwana w’Imana. Arabazibiza, ntiyabakundira ko bavuga, kuko bāri bazi yukw ari Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 N’impwemu mbi ziva mu bantu benshi, zisemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana!” Ariko arazikankamira, ntiyazemerera gusubira kuvuga, kuko zari zamenye ko ari Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 4:41
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Yesu arihorera. Umuherezi mukuru aramubgira, ati Ndakurahiye Imana nzima, tubarire kw ari wewe Kristo, Umwana w’Imana.


Umugeragezi aza kuri we, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, bgira aya mabuye acike imitsima.


Ku kagoroba, bamuzanira benshi binjiwemwo n’abadayimoni; izo mpwemu mbi azirukanisha ijambo, akiza abāri barwaye bose,


Barasemerera, bati Duhuriye hehe ga Mwana w’Imana? Uje hano kutubabaza agashinyaguro igihe cacu kitarashika?


Bun’ aca akira imibembe yiwe. Yesu aramubgira, ati Wirinde, ntugire uwo ubgira, ariko genda wiyereke umuherezi, utange ishikanwa ryagezwe na Mose, ribe ikimenyetso kibabere icabona.


Ku kagoroba, ku kirengazuba, bamuzanira abarwaye bose n’abinjiwemwo n’abadayimoni.


Akiza benshi bāri barwaye indwara zitari zimwe, asenda abadayimoni benshi, ntiyakundira abo badayimoni ko bavuga, kuko bāri bamuzi.


Impwemu zihumanye na zo uko zimubonye zamwikubita imbere, zigasemerera zit’ Ur’ Umwana w’Imana.


Amuhagarara i ruhande, akankamira umururumbo, urazima; avyuka uwo mwanya, arabazimana.


Arikw ibi vyandikiwe kugira ngo mwizere yuko Yesu ari we Kristo, Umwana w’Imana, no kugira ngo mwizeye mugire ubugingo mw izina ryiwe.


Wemera yukw Imana ar’ imwe. Ugize neza; abadayimoni na bo nyene baravyemera, bagahinda agashitsi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ