32 batangazwa n’inyigisho ziwe, kukw ijambo ryiwe ryari n’ububasha.
32 maze abantu batangazwa n’inyigisho ziwe, kuko zarimwo ububasha.
Batangazwa n’inyigisho ziwe, kuko yabigisha nk’ūfise ububasha, ntase n’abanyabgenge b’ivyanditswe.
Abamwumvise bose batangazwa n’ubgenge bgiwe n’ivy’ abishura.
Kandi mw isinagogi hār’ umuntu yinjiwemwo n’impwemu ya dayimoni ahumanye, asemerera n’ijwi rirenga,
Bose baratangara, barabazanya, bat’ Iryo n’ijambo ki? N’ububasha n’ubushobozi agera impwemu zihumanye zigasohoka.
Impwemu ni zo zitera ubugingo, umubiri nta co umaze: amajambo mbabgiye n’impwemu n’ubugingo.
Abagendanyi barabishura, bat’ Erega ntihigeze kuboneka umuntu avuga nka we.
Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntidufudika ijambo ry’Imana, ariko kwerekana ukuri ni kwo twishimagirisha mu nyonga z’Imana ku mutima w’umuntu wese.
kuk’ ubutumwa bgacu butābashitseko ar’ amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi na Mpwemu Yera, no kumara amazinda rwose; namwe murazi ubugene twari tumeze hagati muri mwebge kubganyu.
Wame uvuga ivyo, ubahanūra, ubahana, nk’ūfise ububasha rwose. Ntihakagire ūgukēngēra.