28 Abo mw isinagogi bose bumvise ivyo barashungumirwa,
28 Abari mw’isinagogi bavyumvise, bose baterwa n’ishavu.
Maze Asa ashavurira kamenyi uwo, amushira mw ibohero mu mpatane z’ibiti, kukw iryo jambo ryamuteye kumugirira ubushangashirwe. Ico gihe Asa yagenda acuranguza abantu bamwe‐bamwe.
Maze bafata Yeremiya, bamushira mu cobo cimbiwe kubīka amazi ca Malakiya umwana w’ umwami, cari mu rugo rw’ibohero: bamwururukirizayo n’imigozi. Mur’ ico cobo nta mazi yarimwo, atar’ ikivurugu c’ivyondo: kandi Yeremiya adibira muri nya vyondo.
Maze Herode abonye ko yahenzwe n’abo banyabgenge, arajingitwa cane. Atuma kugeseza abana b’abahungu bose b’i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n’abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabgenge.
Kandi hārih’ abanyamibembe benshi mu Bisirayeli mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Elisa, ntihākizwa n’umwe muri bo, atari Namani Umusiriya.
bava hasi, baramushika bamukūra mu gisagara cabo, bamujana ku manga y’umusozi wubatswekw igisagara cabo, ngo bamutembagarizeyo:
Ariko bo birabasaza rwose, baja inama y’ico bogira Yesu.
Ariko bo bavyumvise baribga mu mitima, bashaka kubica.
Bavyumvise baribga mu mitima, bamuhekenyera imisaya.