Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 4:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Bose baramushima, batangazwa n’amajambo y’igikundiro avuye mu kanwa kiwe, bati Mbeg’ uyu si we mwene Yosefu?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Bose baramushima, batangazwa n’amajambo arimwo ubuntu bw’Imana yava mu kanwa kiwe, babazanya bati: “Mbega uwu si wa muhungu wa Yosefu?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 4:22
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uri n’ubgiza buruta ubg’ abana b’abantu; Igikundiro gisutswe mu minwa yawe: Ni co gitumye Imana iguha umugisha w’ibihe bidashira.


Ugendane icubahiro, ugendera kw ifarasi, utsinde, Urwanire ukuri n’ubugwaneza no kugororoka. Ukuboko kwawe kw’i buryo kukwigishe ibitera ubgoba.


Iminwa y’umugororotsi izi ibishimwa, Arikw akanwa k’abanyakibi kavuga ibidadi.


Uw’ ubgenge mu mutima azokwitwa umukerebutsi, Kandi n’iminwa ivuga ibiryoshe yungura ubgenge.


Ijambo rivuzwe mu buryo bubereye Ni nk’amacungwa y’izahabu ari mu tujishano tw’ifeza.


Amajambo yo mu kanwa k’umunyabgenge n’ay’ igikundiro; arik’ umunwa w’igipfu uzogicisha umutwe.


Akanwa kiwe kavamw’ amajambo aryoshe: mbere wese n’uw’ igikundiro. Uwo ni we mukunzi wanje, ni we mugenzi wanje, Yemwe bakobga b’i Yerusalemu.


Umwami Uhoraho ampaye ururimi rw’abigishwa, kugira ngo mmenye uko nosindagirisha ūrushe amajambo; ankangura uko bukeye, akangurira ugutwi kwanje kwumva, nk’ukw abigishwa bumviriza.


Abamwumvise bose batangazwa n’ubgenge bgiwe n’ivy’ abishura.


Bamubonye baratangara, nyina aramubaza, ati Mwananje, n’iki catumye utugirira urtyo? Urabona twe na so aho twakurondereye tubabaye.


kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.


Atangura kubabgira, at’ Ivyo vyanditswe birashitse uyu musi, nk’ukw amatwi yanyu yiyumviye.


Filipo abona Natanayeli, aramubgira, at, Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n’abāvugishwa n’Imana bakamwandika, twamubonye, ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.


Bat’ Uyu si we Yesu mwene Yosefu? Na se na nyina turabazi: non’ avuga ate ngo Namanutse mva mw ijuru?


Abagendanyi barabishura, bat’ Erega ntihigeze kuboneka umuntu avuga nka we.


ariko ntibashobora gutsinda ubgenge na Mpwemu bimuvugisha.


ugire n’ijambo rizima ritogawa, kugira ng’ umuntu ari mu ruhande rw’abansi amāramāre, abuze ikibi yotuvuga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ