19 No kumenyesha abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho.
19 no kumenyekanisha umwaka wo kugirirwa ubuntu n’Uhoraho.”
Nguyu umushumba wanje, uwo nama nshigikiye, uwo natoranije, ahimbara umutima wanje: nashize Mpwemu wanje kuri we; azoshikana amateka mu banyamahanga.
ngo mmenyeshe abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho, n’ umusi wo kwīhōra w’Imana yacu; ngo nirure abagandaye bose,
Kuko nari narashinze mu mutima umusi wo kwīhōra, kand’ umwaka wo gucungura abantu banje urashitse.
Maz’ umwaka wa yubile y’Abisirayeli ni washika, ishamvu yabo izoshirwa kw ishamvu y’umuryango bazoba baragiyemwo; nukw ishamvu yabo izoba ikūwe kw ishamvu y’umuryango wa ba sogokuruza.
at’ Uyu musi iy’ umenya ivy’ amahoro! Ariko none bihishijwe amaso yawe.
Kandi ko dukorana na yo, turabinginga, ntimuhērwe ubuntu bg’Imana gupfa ubusa: