Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Yesu yuzuzwa Mpwemu Yera, ava kuri Yorodani, agendagendeshwa mu bugaragwa na Mpwemu, amaray’ imisi mirongwine,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Hanyuma Yesu, yuzuye Mpwemu Yera, ava ku ruzi Yorodani ajanwa na Mpwemu mu bugaragwa,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 4:1
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko ni namara gutandukana nawe, Mpwemu w’Uhoraho ahava akujana ahandi ntazi; nuko ni naja kubibgira Ahabu, akaza ntakubone, aranyica. Yamara jewe umusavyi wawe nahereye mu buto bganje nubaha Uhoraho.


Mugabo we, agenda urugendo rw’umusi umwe mu bugaragwa, araza yicara musi y’igiti c’umurotemu, yisabira gupfa, at’ Ewe Uhoraho, ivyanje ni bigarukire hano: ntabara unkūreho, kuko ntaruta ba sogokuruza.


Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;


Nuko Mpwemu aranterura, aranjana; ngenda nshavuye, nitonganya; arik’ ukuboko kw’Uhoraho kwari kunshikamiye.


Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maz’ ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana, amanuka asa n’inuma, amugwako.


Ajanwa na Mpwemu mu rusengero; abavyeyi bajanye uwo mwana Yesu ngo bamugenze nk’uk’ umugenzo w’ivyagezwe war’ uri,


Aja mu gihugu cose giherereye kuri Yorodani, yigisha abantu ukubatizwa kwo kwihana ngo bakūrwekw ivyaha:


Mahalaleyeli mwene Kayinani, Kayinani mwene Enoshi, Enoshi mwene Seti, Seti mwene Adamu, Adamu w’Imana.


Maze Yesu asubira i Galilaya, ari n’ubushobozi bga Mpwemu, inkuru yiwe ikwira mu gihugu cose kihakikije.


ngo Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza: Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe, N’impumyi ko zihumūka, No kubohora abanywagutse imitima,


Kandi Yohana ashinga intahe, ati Nabonye Mpwemu amanuka ava mw ijuru asa n’inuma, aguma kuri we;


Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y’Imana, kukw idatanga Mpwemu ku ngero.


gushitsa ku musi yadūgijwe mw ijuru, ahejeje kugerera intumwa muri Mpwemu Yera, zimwe yatoranije.


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Umwami Imana ajana Filipo, inkone ntiyasubira kumubona, kuko yashishikaye kugenda inezerewe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ