Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 3:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nukw abgira ishengero ryari rivuye i wabo rije kubatizwa na we, ati Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababūriye ngo muhunge uburake buzoza?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nuko abantu benshi baja iyo Yohana ari ngo ababatize. Arababaza ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake bw’Imana bugiye kuza?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 3:7
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.


Baberagura amagi y’ imvuvyi, bajisha butangurirwa: ūriye amagi yabo agapfa; wamena irigi, hagaturumbukamw’ imamba.


Mwa bana b’inzoka mwe, mwoshobora mute kuvuga ivyiza muri babi? Ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kavuga.


Mwa nzoka mwe, mwa bana b’inzoka, muzohunga mute urubanza rwa Gehinomu?


babatizwa na we mu ruzi Yorodani, bātura ivyaha vyabo.


Mwebge mur’ aba so wa Murwanizi, kand’ ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo.


ati Wewe wuzuye ubugunge bgose n’ububi bgose, wa mwana w’Umurwanizi we, wa mwansi w’ivyo kugororoka vyose, ntuzoreka kugoreka inzira z’Umwami Imana zigororotse?


kandi ngo mwitege Umwana wayo kw ava mw ijuru, umwe yazura imukuye mu bapfuye, ni Yesu, adukiza uburake bugira buze.


kugira ngo bibiri bidahinduka, ivyo Imana itabasha kubesheramwo, biduheshe kurema cane, twebge abashitse mu buhungiro, ni bgo kubangiriza ivyizigiro vyashizwe imbere yacu.


Ūkora ivyaha n’uwa wa Murwanizi, kuk’ uhereye ubga mbere na mbere uwo Murwanizi yamye akora ivyaha. Icatumye Umwana w’Imana ahishurwa ngiki: n’ukugira ngw asangangure ibikorwa vy’Umurwanizi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ