Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 3:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Aho Yesu yatangura kwigisha, yar’ amaze imyaka nka mirongwitatu avutse, kandi biyumvira ko yari mwene Yosefu, Yosefu mwene Heli,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Igihe Yesu yatangura igikorwa ciwe yari amaze hafi imyaka mirongo itatu. Abantu benshi bibaza ko Yesu ari mwene Yosefu, Yosefu mwene Heli,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 3:23
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yosefu yar’ amaze imyaka mirongwitatu igihe yarenguka imbere ya Farawo. Nukw arijura, ava imbere ya Farawo, agendagenda igihugu cose ca Egiputa.


Kandi Dawidi yimye amaze imyaka mirongwitatu avutse; amara imyaka mirongwine ku ngoma.


muhēre ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, mugarukire ku bamaze mirongwitanu, bose abashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.


bahēreye ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, bagarukira ku bamaze mirongwitanu, umuntu wese ashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ ihema ry’ibonaniro.


uhēreye ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, ukagarukira ku bamaze mirongwitanu, umuntu wese ashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro,


uhēreye ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, ukagarukira ku bamaze mirongwitanu, umuntu wese ashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro,


uhereye ku bamaze imyaka mirongwitatu no kuja hejuru, ukagarukira ku bamaze mirongwitanu, umuntu wese ashobora gukora ibikorwa vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro, no kurerura ivyaryo,


Igitabo kidondora ukuvuka kwa Yesu Kristo, umwana wa Dawidi, Dawidi wa Aburahamu.


Yakobo yavyaye Yosefu, umugabo wa Mariya nyina wa Yesu yitwa Kristo.


Isayi yavyaye umwami Dawidi. Dawidi yavyaye Salomo kuri muka Uriya,


Mbega si wa mwana w’umubāji? Nyina ntiyitwa Mariya, kand’ abavukana na we si Yakobo na Yosefu na Simoni na Yuda?


Guhera ubgo, Yesu atangura kwigisha, ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.


Mbega si wa mubāji, mwene Mariya, mwene nyina wa Yakobo na Yose na Yuda na Simoni? Bashiki biwe na bo ntibari hano i wacu? Ivyiwe birabatsitaza.


Bamubonye baratangara, nyina aramubaza, ati Mwananje, n’iki catumye utugirira urtyo? Urabona twe na so aho twakurondereye tubabaye.


Meleya mwene Mena, Mena mwene Matata, Matata mwene Natani, Natani mwene Dawidi,


Bose baramushima, batangazwa n’amajambo y’igikundiro avuye mu kanwa kiwe, bati Mbeg’ uyu si we mwene Yosefu?


Filipo abona Natanayeli, aramubgira, at, Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n’abāvugishwa n’Imana bakamwandika, twamubonye, ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.


Bat’ Uyu si we Yesu mwene Yosefu? Na se na nyina turabazi: non’ avuga ate ngo Namanutse mva mw ijuru?


Ca gitabo ca mbere nanditse ga Teyofilo we, kivuga ivyo Yesu yatanguye gukora no kwigisha vyose,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ