Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 3:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 na Anasi na Kayafa ar’ abaherezi bakuru, mur’ uwo mwaka ijambo ry’Imana rishika kuri Yohana mwene Zakariya, ari mu bugaragwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Anasi na Kayafa na bo bari abaherezi bakuru. Ico gihe ni ho ijambo ry’Imana ryaza kuri Yohana mwene Zakariya ari mu bugaragwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 3:2
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ijwi ry’ūsemerera, ati Ni mutegure inzira y’Uhoraho mu bugaragwa, musenere Imana yacu inzira y’iroro mu bgeranyange.


Ijambo ry’Uhoraho riza kuri we mu mwaka ugira icumi na gatatu Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma.


ijambo ry’ Uhoraho ryanjeko jewe umuherezi Ezekiyeli mwene Buzi, ndi mu gihugu c’Abakaludaya ku ruzi Kebari; kand’ aho hantu nyene ni ho ukuboko kw’Uhoraho kwaziye kuri jewe.


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Yona mwene Amitayi, riramubgira,


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Mika w’i Moresheti, ku ngoma ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda, amajambo y’ivyo yeretswe kuri Samariya n’i Yerusalemu.


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Zefaniya mwene Kushi, Kushi mwene Gedaliya, Gedaliya mwene Amariya, Amariya mwene Hezekiya, ku ngoma ya Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda.


Abo bagiye, Yesu atangura kubgira ishengero ivya Yohana, ati Mwagiye mu bugaragwa kurāba iki? Mbega n’irenga rihungabanywa n’umuyaga?


Maz’ abaherezi bakuru n’abakuru b’ubgo bgoko bakoranira mu rugo rw’umuherezi mukuru yitwa Kayafa,


Nk’uko vyanditswe na Yesaya yavugishwa n’Imana, Ng’ Umve, ngira ntume integuza yanje imbere y’amaso yawe, Ikuroranirize inzira.


Nya mwana arakura, agwiza inkomezi z’umutima, aba mu bugaragwa kugeza umusi yerekewekw Abisirayeli.


Ati Nd’ ijwi ry’ūsemererera mu bugaragwa, ati Ni mugorore inzira y’Uhoraho, nk’uk’ uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze.


Nuko Anasi amurungika aboshwe kwa Kayafa umuherezi mukuru.


na Anasi umuherezi mukuru, na Kayafa na Yohana na Alekisandero, n’ab’ umuryango bose w’abaherezi bakuru.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ