Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 3:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Yohana ababarira bose, ati N’ukuri jeho ndababatirisha amazi, ariko hazoza ūndusha ubushobozi, ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’inkweto ziwe: uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Nuko Yohana abwira bose ati: “Jewe ndababatiza mu mazi. Ariko hagiye kuza uwundusha ubushobozi; ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 3:16
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muhindukire kubgo kwihanikiriza kwanje: Rāba, nzosuka impwemu yanje kuri mwebge, Nzobamenyesha amajambo yanje.


gushitsa aho Mpwemu azodusukirwako avuye hejuru, ubugaragwa bugacika itongo rimera cane, kand’ itongo ryamera cane rikitwa ishamba.


Umwami Imana amaze kwuhagira imyanda abakobga b’i Siyoni ayirangije, kand’ amaze gukūra kuri Yerusalemu amaraso y’abantu, ayakūjeh’ impwemu y’amateka n’impwemu yo guturira.


Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.


Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.


N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, kand’ azokubūra imbuga yiwe neza, yimburire ingano ziwe mu kigega, maz’ umuguruka awuturire mu muriro utazima.


Yohana arabishura, ati Jeho mbatiza mu mazi; hagati muri mwebge hahagaze uwo mutazi,


ni we aza inyuma yanje, kandi jewe ntibimbereye gupfundurura akagozi k’inkweto yiwe.


kandi jewe sinaribgamumenye, arik’ Uwantumye kubatiza mu mazi, ni we yambariye, at’ Uwo uzobona Mpwemu amanuka aja kuri we, akamugumako, ni we abatiza muri Mpwemu Yera.


Ūnyizera, inzūzi z’amazi y’ubugingo zizotemba ziva mu nda yiwe, nk’ukw ivyanditswe bivuga.


Kuko Yohana yabatirisha amazi, ariko mweho, mu misi itari myinshi, muzobatizwa na Mpwemu Yera.


Petero akivuga ayo majambo, Mpwemu Yera aramanuka, aja ku bariko barumva iryo jambo bose.


Nukw amaze gushirwa hejuru n’ukuboko kw’i buryo kw’Imana, kand’ ashikirijwe na Se isezerano, ari ryo Mpwemu Yera, non’ asutse ico muriko murabona kandi mwumva.


Kuko muri Mpwemu umwe, twese ari ho twabatijwe ngo tube umubiri umwe, naho boba Abayuda cank’ Abagiriki, naho boba abagurano cank’ abidegemvya. Kandi twese twanyweshejwe Mpwemu umwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ