Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 24:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Yicaye ngw asangire na bo, yābīra umutsima, arawuhezagira, arawumanyagura, arawubaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Bicaye bagira bafungure, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubahereza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 24:30
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abgira abantu kwicara hasi ku vyatsi, yābīra ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, arāba mw ijuru, arabihezagira; amanyagura ya mitsima, ayiha abigishwa, abigishwa bagaburira ishengero.


Yābīra ya mitsima ndwi na za fi, arabishimira, arabimanyagura, abihereza abigishwa biwe, babigaburira ishengero.


Bariko bararya, Yesu yābīra umutsima, awuhezagiye arawumanyagura, awuha abigishwa, ati Ni mwābīre, murye, uyu n’umubiri wanje.


Maze bariko bararya, yābīra umutsima; awuhezagiye arawumanyagura, arawubaha, ati Ni mwābīre, uyu n’umubiri wanje.


Yābīra ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, arāba mw ijuru, arabihezagira, amanyagura iyo mitsima, ayiha abigishwa ngo bayishire imbere y’abantu, n’ifi zompi na zo arazibagaburira bose.


Abarira ishengero ngo ryicare hasi; yābīra ya mitsima ndwi, arayishimira, arayimanyagura, ayihēreza abigishwa biwe, ngo bayibagaburire: bayigaburira ishengero.


Yābīra umutsima, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubaha, arababgira, at’ Uyu n’umubiri wanje ubatangiwe: murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje.


Baramugōbēra, bati Gumana natwe, kuko bugira bgire kand’ umusi ukuze cane. Arinjira ngw agumane na bo.


Na bo babadondera vya bindi vyo mu nzira, kandi yuko bamumenyeshejwe n’uko yamanyaguye umutsima.


Yābīra ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, arāba mw ijuru, arabihezagira, arabimanyagura, abiha abigishwa ngo babishire imbere y’abantu.


Maze Yesu yābīra ya mitsima, arayihezagira, ayigaburira abicaye, n’ifi na zo nk’uko bagomba.


Bashishikara cane mu vyo intumwa zigisha, no kugira ubumwe, no kumanyagura umutsima no gusenga.


Kand’ imisi yose bāshishikara kuja mu rusengero n’umutima uhūye, kand’ i wabo bāmanyagura umutsima, bakarya banezerewe n’imitima itagira akarohe,


Amaze kuvuga ivyo, yābīra umutsima, ashimira Imana imbere yabo bose, arawumanyagura, atangura kurya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ