16 Arikw amaso yabo atabgamw’ uruhuni ngo ntibamumenye.
16 Ariko amaso yabo anyegezwa uwo ari we, ntibamumenya.
Yosefu amenya bene se, ariko bo ntibamumenya.
Hanyuma y’ivyo yiyereka babiri muri bo, afise iyindi shusho, bagenda baja mu misozi.
Bakivugana babazanya, Yesu ubgiwe arabēgēra, ajana na bo.
Arababaza, ati Mbeg’ ivyo mugenda murabazanya n’ibiki? Barahagarara, bijiriwe.
Uruhuni rubava ku maso, baramumenya: maz’ arakamangana, ntibāba bakimubona.
Avuze ivyo, arakebuka, abona Yesu ahagaze, ariko ntiyamenya kw ari Yesu.
Umutwenzi ugitambika, Yesu ahagarara ku musenyi, arikw abigishwa ntibāmenya kw ari Yesu.