6 Pilato avyumvise, abaza yuk’ uwo muntu ar’ Umunyagalilaya.
6 Pilato avyumvise aca abaza ati: “Uwu muntu ava i Galilaya?”
Ariko Petero yari yicaye hanze mu rugo. Incoreke iza ah’ ari, iti Nawe nyene mwari kumwe na Yesu Umunyagalilaya.
Ico gihe abantu bār’ aho bamwīgānira ivy’ Abanyagalilaya, abo Pilato yavanganije amaraso yabo n’ibimazi vyabo.
Na bo barashimika, bat’ Asibanganya igihugu, yigisha i Yudaya hose; yahereye i Galilaya ageza n’ino.
Amenye yukw ar’ uwo mu gihugu ca Herode, amurungika kwa Herode, kuko na we yar’ i Yerusalemu mur’ iyo misi.
Hanyuma yiwe hāduka Yuda Umunyagalilaya, mu misi yo kwandikwa, yikwegera abantu inyuma; na we apfa rubi, n’abāmwumvira bose uko bangana barasābagira.