54 War’ umusi wo Kwitegura, isabato igira ishike.
54 Ivyo vyabaye ari ku musi wo kwitegurira Isabato, kandi yagira itangure.
Bukeye bgaho, ni wo musi wakurikira uwo Kwitegura, abaherezi bakuru n’Abafarisayo bakoranira kwa Pilato,
Bugorovye, kuko war’ umusi wo Kwitegura, ni wo musi utangurira isabato,
Arakibambūra, akizingira mu mpuzu yera, agishira mu mva yimbge mu bitandara, itarahambgamw’ umuntu.
War’ umusi wo kwitegurira Pasika, hari nk’isaha zitandatu. Abgira Abayuda, at’ Ehe rāba umwami wanyu.
Uwo musi war’ uwo kwitegurira Pasika; nuko kugira ngw abābambge ntibagume ku misaraba kw isabato, kuk’ uwo musi w’isabato wari mukuru, Abayuda basaba Pilato ngw amaguru yabo avunwe, kandi ngo babambūrwe.
aho ni ho bāhamvye Yesu, kuko war’ umusi wo kwitegura kw’ Abayuda, kand’ iyo mva ikaba hafi.