Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 23:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Na bo barashimika, bat’ Asibanganya igihugu, yigisha i Yudaya hose; yahereye i Galilaya ageza n’ino.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ariko barushiriza kuvuga bati: “Agumura abantu i Yudaya hose biciye mu nyigisho ziwe. Yatanguriye i Galilaya none raba ashitse n’ino i Yerusalemu.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 23:5
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kukw imbga zinkikije, Umurwi w’inkozi z’ibibi wantaye hagati; Bantoboye ibiganza n’ibirenge.


Ubugingo bganje buri hagati y’intambge: Ndyama hagati y’abaka umuriro, Ni bo bana b’abantu, amenyo yabo n’amacumu n’imyampi; Ururimi rwabo n’inkota ikarishe.


Abanyankira ubusa baruta umushatsi wo ku mutwe wanje mu bginshi: Abagomba kundandura, banyankishwa n’inyanduruko z’ibinyoma, barahambaye: Ni ho narihishijwe ico ntatwaye.


Yesu arangije gutuma abigishwa biwe cumi na babiri, avayo, aja kwigisha abantu no kuvuga ivy’ Imana mu bisagara vyabo.


Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya ku ngoma y’umwami Herode, haza abanyabgenge bavuye i burasirazuba, baja i Yerusalemu,


Maze Pilato abonye kw arushwa n’ubusa, ariko ko barushirije kuvyura umugūmūko, yābīra amazi akarabira imbere y’ishengero, ati Jeho ndacuna kubg’ amaraso y’uyu mugororotsi: n’ivyanyu.


Yesu agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu masinagogi yabo, ababgira ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara n’ubumuga vy’uburyo bgose mu bantu.


Yohana amaze gushirwa mw ibohero, Yesu aja i Galilaya, ababgira ubutumwa bgiza bg’Imana,


Maz’ asohotse, abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo batangura kumusugereza no kumwiyandagazako ngo bamuvugishe vyinshi,


Ariko barīhambīra bavuga n’amajwi arenga, bamusaba kw abambga, amajwi yabo aramunesha.


Pilato avyumvise, abaza yuk’ uwo muntu ar’ Umunyagalilaya.


Bukeye bg’aho Yesu agomba kuvayo ngw aje i Galilaya, abona Filipo, aramubarira, ati Nkurikira.


Na bo barasemerera, bati Mukūreho, mukūreho, umubambe. Pilato arababaza, ati Mbambe umwami wanyu? Abaherezi bakuru bati Nta mwami dufise, atari Kayisari.


Iryo ni ryo tanguriro ry’ibimenyetso Yesu yakoze ar’i Kana i Galilaya, yerekana ubgiza bgiwe; kand’ abigishwa biwe baramwizera.


Abandi bat’ Uyu ni we Kristo. Abandi bat’ Oya, mbega Kristo yova i Galilaya?


Baramwishura, bati Mbega nawe ur’ uw’ i Galilaya? Sesa urābe yuko har’ ūvugishwa n’Imana yova i Galilaya. [


iryo jambo mwebge murarizi, ryāmāmaye i Yudaya hose, ritanguriye i Galilaya, hanyuma y’umubatizo uwo Yohana yigishije:


Habah’ ibihāri vyinshi, umukuru w’abagabisha b’abasoda atinye ko bogabangana Paulo, abarira ingabo ngo zimanuke zimubashikure, zimujane mw iboma.


Ariko bo bavyumvise baribga mu mitima, bashaka kubica.


Bavyumvise baribga mu mitima, bamuhekenyera imisaya.


Barayogora n’amajwi arenga, bīziba amatwi, bamugwirakw icarimwe,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ