16 Nuko ndamukubita, ndamurekure. [
16 Ndamukubitisha gusa, hanyuma ndamurekure.” [
Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro, yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo: igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri we, kand’ imishishagu yiwe ni yo idukiza.
Maz’ abarekurira Baraba, ariko Yesu aramutonagura, amutanga ngw abambge.
Pilato agomvye kumara ishavu ishengero, abarekurira Baraba, maz’ atanga Yesu ngw abambge, amaze kumutonagura.
Kuko yar’ akwiye kubarekurira imbohe imwe mur’ iyo misi mikuru.]
Ababaza ubugira gatatu, ati Ku ki? Uyu yakoze ikibi ki? Simmubonakw igikwiye kumwicisha; nuko ndamukubita, ndamurekure.
Kandi ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa; kandi ntimugatsindishe, namwe mukazotsindishwa; mubohore, namwe muzobohorwa; mutange, namwe muzohabga;
Ariko Paulo arabishura, ati Ko bādukubitiye imbere y’ishengero, ata kidutsinze, kandi tur’ Abaroma, bakadushira mw ibohero: none bagomba kuduhinda mu mpisho? Ekaye, ni babe ari bo biyizira ubgabo badusohore.