Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 22:62 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

62 Arenga irembo, araturika ararira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

62 Petero aca asohoka hanze, araturikisha ararira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 22:62
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko nzokwatura ukugabitanya kwanje, Nzogira umubabaro w’icaha canje.


N’ukuri numvise Efurayimu yiganyira, ati Warankubise, ndakubitika, mmera nk’inyana itamenyereye ingōgo: mpindukiza mbone guhindukira, kuko wewe ur’ Uhoraho Imana yanje.


Arikw abacitse bo muri bo bazocika bakire, bazoba ku misozi bameze nk’inuma zo mu myonga, bose bazoba bacura intimba, umuntu wese kubg’ ibigabitanyo vyiwe.


Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu n’iyo gusenga; kandi bazokwitegereza uwo bācumise; bazomuborogera nk’ ūborogera umwana wiwe w’ikinege, bamurware akabonge nk’ūkarwazwa n’imfura yiwe.


Petero yibuka ijambo Yesu yamubgiye, at’ Inkoko itarabika uja kunyihakana gatatu. Arenga irembo, araturika ararira.


Hahirwa abatuntuye, kukw ari bo bazokwirurwa.


Uwo mwanya inkoko ibika ubugira kabiri. Petero yibuka rya jambo Yesu yamubgiye, at’ Inkoko itaragereka, uja kunyihakana gatatu; avyiyumviriye, ararira.


Umwami Yesu arakebuka, yitegereza Petero. Petero yibuka rya jambo ry’Umwami, ingene yamubgiye, at’ Uyu musi inkoko itarabika, uja kunyihakana gatatu.


Abagabo bāri bafashe Yesu baramushinyagurira, baramutonagura,


Nuko rer’ uwiyumvira kw ahagaze ni yiyubare ntagwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ