Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 22:53 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

53 Imisi yose nāmana namwe mu rusengero ko mutāramvuye amaboko ngo mumfate; arikw iki n’igihe canyu n’ic’ ububasha bg’umwiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

53 Imisi yose namana namwe mu rusengero, ntimwigeze mumfata. Ariko noneho igihe canyu ni iki; umwijima ugira uganze.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 22:53
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ukwihaya kw’abanyakibi kumara igihe gito, No kunezerwa kw’abatubaha Imana ar’ ukw’ akanya isase?


Yinjiye mu rusengero, arikw arigisha, abaherezi bakuru n’abashingantahe b’ubgo bgoko baza kuri we, baramubaza, bati N’ububasha ki bugutera gukora ivyo? Kandi ni nde yaguhaye ubgo bubasha?


Yesu abaza abaherezi bakuru n’abakuru b’abashibamyi b’urusengero n’abashingantahe bamuziye, ati Mbega munziye nk’umwambuzi, muzanye inkota n’amahiri?


Baramufata, baramujana, bamwinjiza mu nzu y’umuherezi mukuru, ariko Petero amuja inyuma barenga arenguka.


Umushaha wanje urahagaze: none mvuge iki? Ngire nti Data, n’unkize iki gihe? Yamara ni co canzanye ngo nshike mur’ iki gihe.


Na we amaze kwābīra intore, aca asohoka ako kanya: kandi hāri mw ijoro.


Sinkivugana namwe vyinshi, kuk’ umwami w’isi ari mu kuza, yamara muri jewe nta kintu ahafise;


Buno barondera ingene bomufata, ariko ntihagira ūmukozako n’intoke, kukw igihe ciwe kitaribgagere.


Nuko ba bagendanyi basubira ku baherezi bakuru n’Abafarisayo, na bo barababaza, bati Ko mutamuzanye?


kubahumūra amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bga Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n’abejejwe n’ukunyizera.


Kukw abo tunigana atar’ ab’ inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.


yadukijije ububasha bg’umwiza, atwimurira mu bgami bg’Umwana wiwe akunda.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ