Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 22:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 ariko wewe nagusengeye ng’ukwizera kwawe ntiguhere. Nawe ni wamara guhinduka, uz’ uremeshe bagenzi bawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Ariko, wewe nagusengeye kugira ngo ntutakaze ukwizera, kandi niwamara kwihana ukangarukako uze ukomeze bene So.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 22:32
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

arababgira, ati Ndababgire ukuri: Ni mutirimbura ngo mucike nk’abana bato, ntimuzoruha mwinjira mu bgami bgo mw ijuru.


Petero yibuka ijambo Yesu yamubgiye, at’ Inkoko itarabika uja kunyihakana gatatu. Arenga irembo, araturika ararira.


Uwo mwanya inkoko ibika ubugira kabiri. Petero yibuka rya jambo Yesu yamubgiye, at’ Inkoko itaragereka, uja kunyihakana gatatu; avyiyumviriye, ararira.


Ariko ni mugende mubgire abigishwa biwe na Petero, mut’ Arabītangira imbere kuja i Galilaya, iyo ni ho muzomubonera, nk’uko yababgiye.


Abo ku rutare n’aba: iyo bumvise iryo jambo, baryākīrana umunezero, ariko ntibagira imizi, bizera akanya gato, maze mu gihe c’igeragezwa bakarireka.


Hasigaye igihe gito, ab’ isi ntibabe bakimbona, ariko mweho muzombona; kuko ndiho, namwe muzobaho.


Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhēmbūka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana,


Ītimanye Umwana wayo, ikamutanga kubgacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we?


Ni nde azobatsindisha? Mbega ni Kristo Yesu, kand’ ari we yapfuye? Ibibiruta yarazutse, ar’i buryo bg’Imana, bitayekw aradusengera.


kuko bāzimiye bakava mu vy’ ukuri, bavuga ng’ ukuzuka kwarahejeje kubaho, bagahenura ukwizera kwa bamwe.


Paulo, umugurano w’Imana, intumwa ya Yesu Kristo, mbihērewe kwizeza abo Imana yatoranije no kwigisha kumenya ivy’ ukuri gufatanije n’ukwubaha Imana;


mwizigame, ntihagire umuntu adashikīra ubuntu bg’Imana, kandi ntihagire umuzi wo kurura umera, ukabahagarika imitima, abenshi bakāndura,


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.


Petero, intumwa ya Yesu Kristo, ndabandikiye abātoranijwe b’inyambukīra zo mu bāsanzariye i Ponto n’i Galatiya n’i Kapadokiya no muri Asiya n’i Bituniya,


Nuko rero mukenyere mu mitima yanyu, mwirinde ibiboreza, mwizigire rwose ubuntu muzozanirwa mu kuzohishurwa kwa Yesu Kristo.


mwebge abazigamwa n’ubushobozi bg’Imana kubg’ ukwizera, muzigamirwa agakiza kāteguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo.


Ni co gituma, abo nkunda, kuko mureretse ivyo, mukwiye kugira umwete wo kuzosangwa mu mahoro, mutagira ikirabagu, mutarik’ umugayo imbere yiwe.


Bavuye muri twebge, ariko ntibar’ abacu: iyo baba bar’ abacu, baba baragumanye natwe: arikw icatumye batuvamwo kwar’ ukugira ngo bahinyuke bose kw atar’ abacu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ