29 Nanje mbabīkiye ubgami, nk’uko Data yabumbīkiye,
29 Nanje ndabahaye Ubwami, nk’uko Data yabumpaye nanje,
Ndababgira ukuri yukw azomuha kugaba ivy’ afise vyose.
Shebuja aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja.
Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.
Yesu arabēgēra, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.
Hahirwa abahamwa bahōrwa ukugororoka, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubgabo.
ati Hahirwa aboro mu mitima yabo, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubgabo.
Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubgami.
Aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza, ko wabaye umwizigirwa no kuri gito cane, n’ube umutware w’ibisagara cumi.
Kuk’ umuntu wese azorushanywa yitegura muri vyose: abo bagenza bartyo, kugira ngo bahabge igitsibo gishira, ariko twebge tugenza durtyo kugira ngo duhabge ikitazoshira.
Kand’ ivyo tubazigako birashikamye, kuko tuzi yuko, ko musangiye natwe iyo mibabaro, dusangiye n’ukuyirurwa.
namba twihangana, tuzokwimana na we; namba tuzomwihakana, na we azotwihakana;
Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?
Nuk’ Umwungere mukuru ni yerekanwa, muzokwambikwa mu mitwe igitsibo c’ubgiza kitazoshira.
Urugo ruziguje uwo murwa rufise amatanguriro cumi n’abiri, yanditswekw amazina cumi n’abiri y’intumwa cumi na zibiri za wa Mwagazi.