23 Batangura kubazanya, ngo ni nde muri bo agira akore ico kintu.
23 Baca batangura kubazanya hagati muri bo uwokwubahuka gukora ivyo.
Barababara cane, batangura kumubaza umwe‐umwe, bati Ni jewe ga Mugenzi?
Batangura kubabara, bamubaza umwe‐umwe, bati Mbega ni jewe?
N’ukuri, Umwana w’umuntu aragenda, nk’uko vyashinzwe: arik’ uwo muntu amugura azobona ibara.
Maze havyuka impāri muri bo, z’uwo bagereranyako kw ar’ umukuru uw’ ari we.