Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 22:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 N’igikombe akigenza artyo bahejeje kurya, arababgira, at’ Iki gikombe n’isezerano risha ryo mu maraso yanje, abaviriye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Bahejeje gufungura, agira uko nyene, afata igikombe, avuga ati: “Iki gikombe ni isezerano rishasha rivuye mu maraso yanje, asesetse ku bwanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 22:20
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Mose yābīra ya maraso, ayamija abantu, arababarira, ati Ngayo amaraso y’isezerano Uhoraho asezeranye namwe, nk’ukw ayo majambo yose ari.


Eh’ imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, aho nzosezerana isezerano risha n’umuryango wa Isirayeli n’umuryango wa Yuda:


Kandi nawe, kubg’ amaraso yashinze isezerano rya twe nawe, nanje nkubohoreye imbohe, ndazikūra mu rwobo rutagira amazi.


kukw iki ar’ amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi ngo baharirwe ivyaha.


Arababarira, at’ Ico n’amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi.


N’igikombe akigenza artyo, bahejeje kurya, arababgira, at’ Iki gikombe n’isezerano risha ryo mu maraso yanje; murahora mugira murtya uko muzonywako, kugira ngo kibe icibutso canje.


ni yo yadushoboje kuba abakozi b’isezerano risha, yamara s’abakozi b’ivyandikishijwe inyuguti, ariko n’ab’ impwemu: kukw ivyandikishijwe inyuguti vyicisha, arikw impwemu ihesha ubugingo.


mwegereye na Yesu, umuhūza ahesha isezerano risha, mwegereye n’amaraso acucagirwa, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.


Imana Nyen’ amahoro, imwe yakūra Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w’intama, imukūjey’ amaraso y’isezerano ry’ibihe bidashira,


Ni co gituma aba umuhūza, ahesha isezerano risha, kugira ngw abāhamagawe bahabge umwandu udashira w’isezerano, bitewe n’uko habayeh’ urupfu rucungura abacumuye bakiganzwa n’isezerano rya mbere.


Icete c’iragi kibeshwaho n’urupfu rwonyene, kuko kitagira ikimazi uwaraze akiriho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ