Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 22:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 kuko mbabgira yuk’ uhereye none ntazokwongera kunywa ku nzabibu, kugeza ah’ ubgami bg’Imana buzozira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Kuko ndababwire, sinzosubira kunywa ku muvinyu w’imizabibu, gushika aho Ubwami bw’Imana buzozira.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 22:18
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na vino inezereza imitima y’abantu, N’amavuta yo kuyagayagisha mu maso habo, Kandi ng’ umutsima uhe imitima y’abantu amagara.


Ndashitse mu murima wanje, mushikanje, mugeni wanje. Nomoroye isenga yanje ku giti, navuvuye imibavu yanje, Nariye ibinyagu vyanje n’ ubūki bganje, Nanyoye vino yanje n’amata yanje. Ni murye, bagenzi, Ni munywe, mbere ni munywe muhimbishwe n’ urukundo.


Kandi kur’ uyu musozi Uhoraho Nyen’ ingabo azohategurira amahanga yose amazimano y’inyama zinuze, amazimano ya vino y’umukāka, inyama zinuze zuzuye imisokōro, na vino y’umukāka imiminnye neza.


Yemwe abafise inyota, ni muze ku mazi, kandi n’ūdafise amahera na we n’aze; ni muze mugure, murye: ni mugure vino n’amata, mudatanze amahera cank’ ibiguzi.


Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.


Uhoraho Nyen’ ingabo azobakīranira; bazoyogeza, basiribange amabuye atewe n’umugozi; bazoromozwa n’amaraso basāmūke nk’ababorewe vino: bazokwuzura amaraso nk’ inzavya, bahinduke nk’inkokora z’igicaniro.


Ewe ineza yiwe ukuntu ari nyinshi, n’ubgiza bgiwe ukuntu ari bginshi! Ingano zizotera abasore itōto, n’umutobe wa vino utotahaze abigeme.


Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora.


Ariko ndababgira yuk’ uhereye none ntazokwongera kunywa kur’ izi nzabibu ugashitsa kuri wa musi nzosangirira namwe umutobe wazo musha mu bgami bga Data.


Yābīra igikombe; agishimiye Imana arakibaha, bakinywerako bose.


Ndababgire ukuri: Sinzokwongera kunywa ku nzabibu, gushitsa kuri wa musi nzonywera umutobe wazo musha mu bgami bg’Imana.


Bamuha vino ivanze n’umuti w’umururazi, ntiyayinywa.


Arababgira, ati Ndababgira ukuri: mur’ aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera ubgami bg’Imana buzananye n’ubushobozi.


nuko namwe ni mwabona ivyo bibaye, muze mumenye yuk’ ubgami bg’Imana buri hafi.


Ndababgire, Sinzokwongera kuyiryako, kugeza ah’ izoshikira mu bgami bg’Imana.


Ariko ndababgire ukuri: Mur’ aba bahagaze hano, harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera ubgami bg’Imana.


yadukijije ububasha bg’umwiza, atwimurira mu bgami bg’Umwana wiwe akunda.


Umuzabibu uravyishura, uti Mbeg’ aho noheba vino yanje inezereza Imana n’abantu, ngo nje kwirirwa ndahungabana hejuru y’ibiti?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ