Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 22:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Yābīra igikombe, agishimira Imana, arababarira, ati Mwābīre iki, mugisangire:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Nuko afata igikombe, agishimira Imana, ababwira ati: “Nimwakire munywe mwese.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 22:17
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndābīra igikombe c’agakiza, Nambaze izina ry’Uhoraho.


Untegurira ameza mu maso y’abansi banje; Wansīze amavuta mu mutwe; igikombe canje kirasēsekaye.


kandi nta bazosangira ibiryazagu vyabo; abābuze se canke nyina ntibazobazanira ikarabo ryo kubibagiza umubabaro.


Abgira abantu kwicara hasi ku vyatsi, yābīra ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, arāba mw ijuru, arabihezagira; amanyagura ya mitsima, ayiha abigishwa, abigishwa bagaburira ishengero.


Yābīra ya mitsima ndwi na za fi, arabishimira, arabimanyagura, abihereza abigishwa biwe, babigaburira ishengero.


Bariko bararya, Yesu yābīra umutsima, awuhezagiye arawumanyagura, awuha abigishwa, ati Ni mwābīre, murye, uyu n’umubiri wanje.


Maze bariko bararya, yābīra umutsima; awuhezagiye arawumanyagura, arawubaha, ati Ni mwābīre, uyu n’umubiri wanje.


Yābīra umutsima, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubaha, arababgira, at’ Uyu n’umubiri wanje ubatangiwe: murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje.


Yābīra ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, arāba mw ijuru, arabihezagira, arabimanyagura, abiha abigishwa ngo babishire imbere y’abantu.


Uwiyumvira umusi awiyumvira kubg’ Umwami wacu; ūrya inyama azirya kubg’ Umwami, kukw ashima Imana; kand’ ūtazirya, yanka kuzirya kubg’ Umwami, na we ashima Imana.


Igikombe c’umuhezagiro, ico duhezagira, mbega si kwo gusangira amaraso ya Kristo? Umutsima tumanyagura, si kwo gusangira umubiri wa Kristo?


Kukw ico nahawe n’Umwami wacu ari co nabashikirije namwe, yuk’ Umwami Yesu mw ijoro yaguzwemwo yābiriye umutsima,


Muzokwama mu gahimbo, mushimire Uhoraho Imana yanyu igihugu ciza yabahaye.


Ni mwashika mu gisagara muca mumubona ataradūga ku mpinga y’umusozi kurīrayo; kukw abantu badashobora kurya ataraza, kukw ari we ahezagira ibimazi, maz’ abātowe bakabona kurya. Nuko rero ni mudūge: muca mumubona aka kanya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ