Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 22:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Mubgire nyen’ urugo, mut’ Umwigisha agize ngw Indāro iri hehe, ah’ asangirira ivya Pasika n’abigishwa biwe?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 hanyuma mubwire nyene urugo muti: ‘Umwigisha arashaka kumenya: Icumba aja gusangiriramwo ivya Pasika n’abigishwa biwe kiri he?’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 22:11
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni hagira ūbabaza, mumubgire, muti Databuja ni we azigomba. Aca azirungika.


Ah’ aja kwinjira mubgire nyen’ urwo rugo, mut’ Umwigisha agize ngw Indāro yiwe iri hehe, ah’ asangirira ivya Pasika n’abigishwa biwe?


Kandi ni hāgira ūbabaza, ati N’iki gitumye muyizitura? mumwishure, muti Databuja ni we ayigomba.


Barabishura, bati Databuja ni we ayigomba.


Yesu ahashitse, ararangamiza, aramubarira, ati Zakayo, ururuka vuba, kuk’ uyu musi nkwiye kurāra i wawe.


Arabishura, at’ Umve, mumaze gushika mu gisagara, murahūra n’umugabo yikoreye umubindi w’amazi; mumukurikire mu rugo ajamwo.


Na we arabereka icumba kinini co mu nzu yo hejuru gitunganijwe: abe ari co muteguriramwo.


Avuze ivyo, asubira inyuma, yonjorora Mariya, mwene nyina, at’ Umwigisha ari hano, araguhamagaje.


Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ