30 Iyo bitoshe, murabibona, mukamenya ubganyu yukw agatāsi kari hafi:
30 Iyo bizanye amababi, muca mumenya ko agatasi kari hafi.
Ni mwigire ku musukoni umugani wawo: ishami ryawo iyo ritoshe, amababi agatutuza, mumenya yukw agatāsi kari hafi.
Kandi namwe ubganyu n’iki kibabuza kugenzura ivyo kugororoka?
Kand’ abacira umugani, ati Ni murābe umusukoni n’ibiti vyose.
Ba ari mwebge mwisuzuma, mumenye yuko muhagaze mu kwizera; ba ari mwebge mwirāba. Mbega ntimwiyizi, ntimuzi yuko Yesu Kristo ari muri mwebge? — shiti kumbure mur’ abāhinyuwe!