Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 21:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Yunamura amaso, abona abatunzi bashikana, baterera amashikanwa yabo mu masandugu y’amahera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Yesu akiri mu rusengero, yunamura amaso abona abatunzi bashize amashikanwa yabo mu co bayatorezamwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 21:1
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

asahura ivy’ ubutunzi vyari bibītswe mu ngoro y’Uhoraho n’ivyo mu ngoro y’umwami, arabijana vyose, ajana n’inkinzo zose z’amazahabu Salomo yari yaracurishije.


Maz’ umuherezi Yehoyada yābīra isandugu, ayitobora umwenge mu mutemere, ayitereka i ruhande y’igicaniro, ku ruhande rw’i buryo umuntu aja kwinjira mu ngoro y’Uhoraho; nukw abaherezi barinda umuryango bakagenda barokezamw’ amahera yose azanwa mu ngoro y’Uhoraho.


Asahura ibitunzwe vyose mu ngoro y’Uhoraho, bo n’ivyo mu ngoro y’umwami, amenagura n’ ibintu vyose vy’imbombovu vy’ izahabu vyari mu rusengero rw’ Uhoraho, ivyo Salomo umwami w’Abisirayeli yari yaracurishije, nk’uk’ Uhoraho yavuze.


Kand’ ibintu vyose vyo mu ngoro y’Imana, ibito‐bito n’ibinini‐binini, bo n’ivy’ ubutunzi vyo mur’ iyo ngoro nyene y’Uhoraho, n’ivy’ ubutunzi vy’umwami n’ivy’ abaganwa biwe, ivyo vyose abijana i Babuloni.


Nshirah’ abazezwabintu vyo mu bubīko, ni bo b’aba: Shelemiya umuherezi, na Sadoki umunyabgenge w’ivyanditswe, na Pedaya wo mu Balewi; hakurikirako Hanani mwene Zakuri, Zakuri wa Mataniya, kukw abo bari bazwi kw ar’ abizigirwa; kand’ igikorwa cabo kwar’ ukugaburira bagenzi babo.


Abaherezi bakuru bāndūra zino feza, bati Ntizemerwa gushirwa mu mashikanwa, kukw ar’ ibiguze amaraso.


Barya ingo z’abapfakazi, kandi basengesha menshi bahūmba; abo bazocirwa urubanza ruruta izindi.


Ayo majambo yayavugiye mw iyakīriro ry’amashikanwa, arikw arigisha mu rusengero; kandi nta n’umwe yamufashe, kukw igihe ciwe kitaribgashike.


Arikw amafeza yose n’amazahabu n’ibintu vyose vyo mu miringa n’ivyo mu vyuma bibaye ivyera vy’Uhoraho: bizoja mu bushinguro bgiwe.


Igisagara bagitōngōza umuriro, n’ivyari muri co vyose; arikw amafeza n’amazahabu n’ibintu vyo mu miringa n’ivyo mu vyuma, ni vyo bashize mu bushinguro bgo mu ngoro y’Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ